Perezida Donald Trump ategekanya kugendera Leta ya Carolina ya ruguru kuri uyu wa gatatu kwirabira ibyononywe na Serwakira ivanze n’imvura yahawe akazina ka Florence hamwe n’aho ibikorwa byo gutabara bigeze.
Ubushinwa bwasabye Leta Zunze Ubumwe z’Amerika gukuraho ibihano zabufatiye kubera ko bwaguze mu Burusiya indege z’intambara n’ibisasu bya misile bitererwa ku butaka bihanura indege, bitihise Amerika “ikirengera ingaruka.”





















