Ibihano (sanctions) biravuza ubuhuha mu Buhanuzi

Ishyirahamwe ry’Ubumwe bw’ibihugu by’Uburaya (EUROPIAN UNION) ryafatiye ibihano abantu icenda barimwo abasirikare bo mu ngabo za M23 n’Urwanda hamwe n’aba sivire iryo shirahamwe rivuga ko bafise uruhara runini mu ntambara iriko iraba mu buseruko bwa Repuburika ya Demokarasi ya Congo.
Hari na kompanyi imwe yafatiwe ibihano.
M23 iherutse gufata imiji ya Goma na Bukavu, imirwa mukuru z’intara za Kivu ya ruguru n’iy’epfo, ikaba kuva mu mpera za 2021 yongeye kuvyura umutwe imaze kwigarurira n’ibindi bice vyinshi cane cane vya Kivu ya Ruguru.
UN, Leta Zunze Ubumwe za Amerika n’Ishyirahamwe rya (EUROPIAN UNION) vyagiriza Urwanda gushigikira uwo mugwi.
UN ivuga ko Urwanda rwohereje ku rugamba muri Congo ingabo zigereranywa mu 4.000. Leta y’Urwanda irahakana uruhara rwayo muri iyo ntambara, ivuga ko gusa ifata ingamba zo kulinda igihugu ingaruka kigirwaho n’iyo ntambara.
Ku ruhande rwa M23 abafatiwe ibihano barimo:
- Bertrand Bisimwa, umukuru w’ishami rya politike mu runani AFC rurimo M23 akaba n’umukuru wayo
- Colonel John Nzeze ajejwe inzego z’ubutasi muri M23
- Colonel Joseph Bahati Musanga, azwi nka Colonel Bahati Erasto, aherutse kugenwa kurongora intara Kivu ya Ruguru na M23. Asanzwe kandi ari umujyanama wa Général Sultan Makenga ayoboye ingabo za M23.
Ku ruhande rw’igisirikare cy’Urwanda ishyirahamwe ry’Ubumwe bw’Uuraya abo ryafatiye ibihano ribashinja gufasha umutwe wa M23 mu bya gisirikare, ni:
- Général Major Ruki Karusisi batazira Rocky yahora arongoye ingabo zidasanzwe (Special force) amabanga aheruka kuvanwamwo no gusubirizwamwo mu cyumweru gishize
- General Major Eugène Nkubito, na General de Brigade Pascal Muhizi. Ubumwe bw’Uburayi abo babiri buvuga ko bari mu barongoye ingabo z’Urwanda zagiye gufasha M23 mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
Mu bandi bafatiwe ibihano harimwo abasivile b’abanye Congo n’abanyarwanda Ubumwe bw’Uburayi bubashinja kwegeranya uburyo n’abarwanyi.
Ku ruhande rwa M23 harimwo Désire Rukomera, Ubumwe bwa Buraya buvuga ko ajejwe icengerzamatwara (propagande) muri uwo muhari.
Hari na Jean Bosco Nzabonimpa Mupenzi ajejwe igisata c’ubutunzi mu muhari M23.
Ku ruhande rw’Urwanda mu basivile harimwo Francis Kamanzi arongoye ishirahamwe rya reta y’Urwanda rijejwe ubutare n’ibikomoka ku bitoro na gaz (Rwanda Mines, Petroleum and Gas Board) hamwe n’ishirahamwe Gisabo Golf Rifinery rikora mu rudandazwa rw’inzahabu rifise icicaro i Kigali.
Ryagirizwa urudanzwa rwa magendo rw’ubutare burwiriyemwo inzahabu Ubumwe bwa Buraya buvuga ko busahurwa muri Congo mu birombe vy’uburere bwigaruriwe na M23 ifadikanije n’Urwanda.
Ubumwe bwa Bulaya buvuga ko ibihano abo bose bafatiwe ari ifatirwa ry’ubutunzi bafise ku mugabane wa Bulaya no kubuzwa kugira ingendo mu bihugu bigize iryo shirahamwe.
Itangazo rimenyesha ibyo bihano rivuga ko ni byaba ngombwa n’izindi ngingo zizofatwa kuri uwo wese yagirizwa ico Ishirahamwe rya Buraya ryise ‘kuvogera ubusugire’ bwa Republika ya Demokarasi ya Congo.