Kabila ubuhanuzi bumugeze mu ijosi?!

RD Congo: Abapatiri cumi batawe mu mvuto Inzego zijejwe umutekano muri Repubulika Iharanira intwaro rusangi ya Congo zataye mu mvuto abapadiri (10) hamwe n’abanyagihugu barenga (200) bari mu myiyerekano ku munsi wa Mungu basaba Prezida Joseph Kabila kuva ku butegetsi.

Ekleziya Gatolika niyo yahamagaje imyiyerekano yo kwiyamiriza iyo ndongozi, ikiringo gitegekanywa n’amategeko carangiranye na 2016.

Abantu batandatu barishwe ku mugwa mukuru Kinshasa, igihe igipolisi gikoreshereje umwuka wa gazi n’amasasu y’ukuri gishwiragiza abari mu myiyerekano yakozwe no mu tundi duce tw’igihugu.

“Tumaze gutororokanya abapatiri cumi bafashwe, barimwo Patiri Dieudonne Mukinayi wo kuri paruwasi ya Binza Ozone. Afungiwe mu nyubakwa y’umutegetsi ari muri leta kumwe n’abanyeshengero umunani,” niko Georges Kapiamba w’ishyirahamwe riharanira ubutungane muri Congo “Congolese Association for Justice” yabwiye radiyo Okapi, ifashwe mu mugongo na Onu.

“Ku makuru dufite, baguma bahohoterwa. Impuzu zabo zaratabuwe. Ntawuzi irengero ry’ababikira babiri, abantu 257 bari mu myiyerekano barafashwe, bakaba bapfungiwe mu busho butandukanye bwa Kinshasa,” niko Kapiamba yabandanije avuga.

Umurwi “Lay Coordination Committee”, ishami rya Ekleziya Gatolika, niwo wasavye ko haba imyiyerekano mu gihugu cose, kugira ngo bagondoze ubutegetsi bushire mu ngiro amasezerano yapfunditswe hagati ya leta n’imigambwe bitavuga rumwe itariki 31 Ukwezi kwa 12, 2016.

 
Ikiringo ca Prezida Kabila carangiye mu kwezi kwa 12 kwo mu mwaka w’i 2016 ariko aracari ku butegetsi

Muri ayo masezerano yahagarikiwe na Ekleziya Gatolika, Kabila yategerezwa gutunganya amatora mu 2017.

Ibindi bisa n’ibi

 

Skip to toolbar