ONU yaba igiye kuzajya ikoresha inguvu kugarura amahoro?

Abasirikare ba Onu bashyika amajana abiri barishwe muri iyi myaka itanu iheze, abari ku mugabane wa Afrika bakaba ari bo bageramiwe gusumba.

Icyegeranyo cyo mu rwego rwo hejuru kivuga ko inkofera n’ibendera bya Onu bitagikingira ingabo z’iryo shirahamwe, ko rero zitotinya gukoresha inguvu aho bikenewe.

Icyo cyegeranyo cyasabwe n’n’umunyamabanga mukuru wa Onu, kivuga ko ingabo za Onu zitegerezwa kwitegurira kugira ibitero mu kwikingira umwansi.

Kivuga ko abo baba bahanganye bumva gusa ururimi rw’ibigwanisho.

Gutegurwa neza no guhabwa ibikoresho bikwiye imbere yo kurungikwa mu butumwa ni bimwe mu byo icyo cyegeranyo gisaba.

Abasirikare ba ONU bashyika amajana abiri barishwe muri iyi myaka itanu iheze, abari ku mugabane wa Afrika bakaba ari bo bageramiwe gusumba.

Skip to toolbar