Imbogo amajana zatwawe n’uruzi zihunga intare muri Botswana

Hits: 70

Umugore ari mu bashitse aho iryo sanganya ryabeyere, atwaye ukuguru kw’imbogo

Imbogo amagana zariko zihungaga intare zatwawe n’uruzi ku rubibe rugabanya ibihugu bya Botswana na Namibiya, bituma abanyagihugu baronka inyama nyinshi bataziga.

Mu matohoza yakozwe kare bivugwa ko ibyo bikoko byariho bihunga intare munyuma bigwa mu ruzi, nk’uko ubutegetsi bwa Botswana bwabitangaje.

Umuntu afite ihoteri yabwiye BBC ko izo mbogo zaheze mu mazi zishyikiriye iyindi nkombe y’uruzi yabaye ndende, zinanirwa kwambuka zipfira aho.

 
Bivugwa ko imbogo zirenga amajana ane ari zo zapfuye

Avuga ko atari bwigere yumva imbogo nyinshi nkizo zatwawe.

Ubutegetsi bwa Botswana buvuga ko imbogo 400 arizo zapfuye.

Abantu baba muri ako karere baciye batwara izo mbogo kuzifungura.

Simone Micheletti, afise ihoteri hakurya y’inkombe ikukira igihugu cya Namibiya, yavuze ko ibyo bikoko byari byinshi cyane – hafi imbogo 1000.

Bwana Micheletti yabwiye BBC ko yumvise amajwi y’izo ntambwe ku wa kabiri mw’ijoro.

Agiye ku ruzi ku munsi wa gatatu mu gitondo, yaciye ahasanga imbogo amagana zapfuye.

Yongeye avuga ko hari umwijima mwinshi muri iryo joro ryo ku munsi wa kabiri, akibaza ko icyo gihu cy’umwijima cyabujije umucyo w’ukwezi, bituma izo mbogo zitabona iyo zijya.

Abantu baje n’imiduga gupakira inyama z’ibyo bikoko

Ubushikiranganji bw’ibidukikije muri Botswana bwasohoye itangazo buvuga ko itwarwa ry’ibyo bikoko mu ruzi Chobe atari ikintu kimenyerewe.

Bwana Micheletti yongerako ko nta muntu yari bwigere yumva igitigiri nk’icyo cy’ibikoko bipfiriye rimwe, kuko imbogo 50 ari zo nyinshi zigeze gutwagwa muri kahise.

Avuga kw’ibiziga by’ibyo bikoko vyakuwe mu ruzi n’abanyagihugu baba mu micungararo bagiye kubirya, ngo bakaba bahawe uruhusha n’ubutegetsi.

  Abantu batwayeizo nyama z’ibyo bikoko kubifungura

Skip to toolbar