Gutteres: Ntawakwihanganira ingeso y’ubusambanyi mu mashirahamwe

Umunyamabanga mukuru wa Onu Antonio Gutteres yigeze gutwara ishami ryitaho impunzi arakeza imikorere ya Oxfam muri rusangi

Umunyamabanga mukuru wa Onu yabwiye BBC ko ata muntu yokwihanganira ingeso y’ubusambanyi mu mashirahamwe y’abagiraneza.

Antonio Gutteres yariko arashikiriza aho ahagaze, ku bivugwa ko hari abakozi bigenjeje nabi mw’ishyirahamwe ry’abagiraneza Oxfam ryo mu gihugu cy’Ubwongereza.

Yavuze ko ikibazo cyo guhohotera umuntu bishingiye ku gitsina, ari ikibazo kivugwa mu makungu, kigwiriye mu bakozi bari mu gisata cy’iterambere.

Bwana Gutteres avuga ko ibirebwana  Oxfam bidakwiye gufatwa minenengwe, ariko atera indabyo ibikorwa by’iryo shyirahamwe, avuga ko ryagumye ryizegwa na Onu.

Yavuze ko icyihuta ari gutunganya politike, yotuma abanyagihugu bumva ko bashobora kwizera amashirahamwe y’abagiraneza.

Skip to toolbar