Umukino w’injangwe ni mbeba wa politike muri Kenya!?
Amerika yiyamirije irahira rya Raila Odinga Igihugu cya Leta Zunze Ubumwe z’Amerika kivuga ko gitereye kure ukwirahiza kwa kizigenza w’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi Raila Odinga.
Icyo gihugu kivuga kw’ivyo uwo munyapolitike yakoze bibangamira ibwirizwa shingiro n’ukugendera ku mategeko.
Amerika isaba Leta ya Kenya kwugurura imihora y’ibigo bitatu by’itangazamakuru yugaye, irondera kubibuza kwerekana ibirori by’irahira rya Bwana Odinga ku munsi wa kabiri.
Nicyo gihugu cafashe iya mbere mu kwiyamiriza irahira ryabaye nk’inkinamico rya Raila Odinga.
Icyo gihugu cyemeza itorwa ku ncuro ya kabiri rya Prezida Uhuru Kenyatta, kigasaba ko hakoreshwa amategeko mu gukemura ibibazo byoba byadutse.
Cyiyamirije ifungwa ry’ibigo by’itangazamakuru no kuburagiza ibikorwa by’ibyo bigo.
Urukiko rwa Kenya rwahagaritse ingingo y’ubutegetsi bwa Kenya yo kwugara ibyo bigo, ariko gushika ubu ntibirasubira gukora.
Amerika isaba abanyepolitike ba Kenya hamwe n’abenegihugu gutangura ibiganiro vyotuma igihugu gisubira kwiyunga, bakigira hamwe ibibazo bimaze igihe kirekire bihanze igihugu.