Aba Republikani Bariyamiriza Amacakubiri k’Ubutaka bwa Amerika

Umurwi nyobozi k’urwego rw’Igihugu, m’umugambwe w’aba Republikani watey’ibyatsi imirwi ishir’imbere amacakubiri ikorera hano muri Amerika, hari kur’uyu wa gatanu, mu nama yabereye mu gisagara cya Nashville, muri Leta ya Tennessee.

Uwo murwi nyamara ntacyo washikirije kubyatangajwe na Prezida Donald Trump inyuma y’intureka zabaye mu ntango z’uku kwezi mu gisagara cya Charlottesville, muri Leta ya Virginie. Imwe mu ngingo zasohowe n’uwo murwi inyuma y’iyo nama ivuga ko imirwi mibi, irangwamwo amacakubiri ata kibanza ifite k’ubutaka bw’Amerika.

Bill Palatucci, umwe mu bari mur’iyo nama yatangaje ko ibyavuye mur’iyo nama nta sano bifitanye n’iby’Umukuru w’Igihugu, nyamara ko ar’uwo murwi watangaje ko amacakubiri ata kibanza afise muri Amerika.

Ikigo kijejwe kumenyekanisha amakuru Associated Press, cyatangaje ko iyo ngingo yo kwiyamiriza imirwi y’amacakubiri, yasohotse kur’uyu wa gatanu, itumvikanyweko n’aba Republikani bose, bivuye ko bamwe muribo bavuga ko itarikenewe.

Skip to toolbar