Ubushinwa Bwahagaritse ama Sosiyeti ya Koreya ya Ruguru

Xi Jinping, Prezida w’Ubushinwa (i bubamfu), na Kim Jong Un wa Koreya ya Ruguru (i buryo).

Igihugu cy’Ubushinwa cyatangaje ko cyahagaritse ayandi mashirahamwe ya Koreya ya Ruguru asanzwe akorera k’ubutaka bwacyo. Ibyo byatangajwe n’umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe urudandaza, kur’uyu wa gatanu.

Iyo ngingo Ubushinwa buvuga ko yihetse ku bihano inama y’umutekano ya ONU iheruka gufatira Koreya ya Ruguru mu ntango z’uku kwezi. Iryo tangazo ryaciye k’urubuga ngurukanabumenyi rwa internet, rivuga ko ryaciye rishirwa mu ngiro rigisohoka.

Ubwo bushikiranganji bwatangaje kandi ko ata mpusha buzotanga ku mashirahamwe y’Ubushinwa yipfuza kuja gukorera muri Koreya ya Ruguru.

Ivyo bihano vyasohotse mu ntumbero yo guhasha Koreya ya Ruguru kugira ihagarike umugambi wayo wo guhingura ibirwanisho bya nucleaire no gutera za misile balistique.

Skip to toolbar