Ubugenzuzi bw’ibimenyeshamakuru bwa Uganda bwategetse bimwe guhagarika abakozi 39


Ubwo bugenzuzi, Uganda Communications Commission (UCC), ntibwadomyeko urutoki amakosa yakozwe

Ubugenzuzi bw’ibimenyeshamakuru mu gihugu ca Uganda bwategetse amaradio n’amateleviziyo 13 guhagarika bamwe mu bamenyeshamakuru, bukabagiriza “gutanga amakuru y’ibinyoma”.

Bubagiriza kandi kugumura abanyagihugu mu gushikiriza “ubutumwa bucanishamwo canke buhamagarira ubugarariji”.

Ubwo bugenzuzi, Uganda Communications Commission (UCC), ntibwadomyeko urutoki amakosa yakozwe mu rwandiko rwarungikiwe ivyo bimenyeshamakuru 13 – harimwo televiziyo NBS, Bukedde TV, NTV, CBS FM hamwe na Capital FM.

Bwategetse guhagarika mu minsi itatu abantu 39, muri bo hakaba harimwo abakora ibiganiro, abarongoye ibisata vy’ugutororokanya amakuru be n’abarongoye ibisata vy’ugutegura ibiganiro.

UCC ivuga iti: ” Iyo ngingo ifashwe inyuma y’amakenga ku nkuru zaciye kuri ibi bimenyeshamakuru, cane cane mu biganiro vy’ikibiriraho, mu makuru y’ako kanya, hamwe no mu makuru arambuye, vyaciye kubiri n’amategeko agenga umwuga w’ukumenyesha amakuru”.

Ikinyamakuru kitegamiye leta, The Observer, gisubiramwo amajambo ya bamwe mu bakora muri ivyo bimenyeshamakuru bavuga ko UCC itanezerejwe n’uko ivyo bimenyeshamakuru vyashikirije amakuru kw’ihagarikwa rya Bobi Wine.

Mu kwezi kwa kane guheze, uyu muririmvyi akongera akaba n’umushingamateka atavuga rumwe n’ubutegetsi, yarahagaritswe n’igipolisi ca Uganda bijanye n’igiteramo yari yateguye ku munsi wa Pasika, aza kurekurwa mu nyuma.

Bivugwa kandi ko UCC itanezerejwe n’uko ivyo bimenyeshamakuru vyashikirije amakuru y’imyiyerekano y’abanywanyi biwe ku munsi wa mbere.

Kuzimya Bobi Wine?

Bobi Wine aboneka nk’uko abangamiye ubutegetsi bwa Yoweri Museveni

Bobi Wine aregwa ko “yarenze amategeko” mu gutegura imyiyerekano yo kwiyamiriza iduzwa ry’amakori ku mbuga hwaniro mu mwaka uheze.

Uyo muririmvyi rurangiranwa w’umuziki wo mu bwoko bwa pop, akongera akaba n’umushingamateka atavuga rumwe n’ubutegetsi yarekuwe vy’agateganyo ariko abategetsi ba Uganda basa n’abariko bagerageza kumuzimya mu kubuza ibiteramo vyiwe vy’umuziki be n’ukuzivya ibimenyeshamakuru bimuha ijambo.

Ico kinyamakuru kivuga kandi ko igipolisi cagabishije ko imyiyerekano iyo ari yo yose yateguwe mu kumushigikira mu gihe arenguka muri sentare itemewe n’amategeko, kandi ko imirwi ya politike yayiteguye itazokwihanganirwa.

Abategetsi ba Uganda basa n’abariko bagerageza kuzimya uyo muririmvyi rurangiranwa w’umuziki wo mu bwoko bwa pop, akongera akaba n’umushingamateka atavuga rumwe n’ubutegetsi, mu kuzivya n’uguhana ibimenyeshamakuru bimuha ijambo.

Ukwamamara kwiwe mu rwaruka rwa Uganda gutuma aboneka nk’uko abangamiye Perezida Yoweri Museveni – ari ku butegetsi kuva mu mwaka wa 1986 – biboneka ko ashobora gusubira kwitoza mu matora ategekanijwe mu mwaka wa 2021.

Skip to toolbar