PaPa Francis Byibuze Yikuye Mu Isoni Da!(Ariko kardinali Theodore McCarrick) yarakwiye gufungwa burundu!!!

Theodore McCarrick yagirizwa ihohotera rifatiye ku gitsina
Ekleziya Katolika yirukanye Theodore McCarrick yahoze ari kardinali muri Amerika kubera ihohotera rifatiye ku gitsina

Uwigeze kuba ari kardinali muri Ekleziya Katolika,Theodore McCarrick, yirukanywe burundu inyuma y’uko yagirijwe ihohotera rifatiye ku gitsina.

Theodore McCarrick ni we murongozi mukuru wa mbere yirukanywe mu bupatiri mu mateka ya Ekleziya yo mu gihe cya none.

Abarongoye Ekleziya muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bamenyesha ko amakosa yagirizwa ko yakubaguye umuyabaga imyaka hafi 50 iheze ari ay’ukuri.

Bwana McCarrick ubu afite imyaka 88 yari yaramaze gutanga imihoho mu mabanga yiwe, ariko akavuga ko atibuka igihe yakoreye icyo cyaha.

Bwana McCarrick yarabaye umusenyeri mukuru wa Washington DC kuva mu 2001 gushika 2006.Kuva aho atangiye imihoho akava mu muryango w’aba kardinali mu mwaka uheze, aba wenyine mu rusengero rwo mu gisagara cya Kansas.

Ni we yari abaye uwa mbere mu gutanga imihoho nk’umukardinali kuva mu 1927.

Mbega yagirizwa iki?

Kardinali Timothy Dolan, musenyeri mukuru wa New York w’iki gihe, yagiriza Bwana McCarrick ko yakubaguye umwana w’umuyabaga mu gihe yari umupatiri i New York mu myaka ya 1970.

Uwo musenyeri mukuru amenyesha ko ikigo cyigenga cyakoze amatohoza yihwejwe n’abahanga mu by’amategeko, mu by’inyifato, n’ababyeyi hamwe n’umupadiri, byasanze ivyo yagirizwa ari iby’ukuri.

Muri icyo gihe, Bwana McCarrick yamenyesheje ko atibuka igihe yakoreye ibyo yagirizwa, akavuga ko yera de.

Ariko kuva icyo gihe, hari abandi bagabo batari bake bagumye bamwagiriza ko yabafashe ku nguvu mu nzu yari ku nkengera y’ibahari muri New Jersey, mu gihe bariho bigira ubupadiri mw’iseminari.

Umwe muri bo yavuze ko yamufashe akiri umwana.Eka ngo yasambanije n’abakuze mu gihe yari musenyeri wa New Jersey nk’uko abasenyeri bo muri iyo leta babibwiye ibimenyeshamakuru vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Yinjiye mu rutonde rw’amajana n’amajana rw’abandi bakuru b’Ekleziya bagirizwa gusambanya rifatiye ku gitsina ryagiriwe abana b’abahungu kuva imyaka mirongo n’iyindi.

Iyirukanwa ryiwe kandi rije habura iminsi mikeya ngo habe inama iriho itegurwa na Vaticano ijyanye n’ukwiga uburyo bubereye barwanya ikubagurwa ry’abana.Vaticano imenyesha ko Bwana McCarrick yirukanywe burundu kandi ko ari ingingo nta subirwaho.

Skip to toolbar