Amakonti imiliyoni 50 y’abanywanyi ba Facebook yibasiwe n’inkozizikibi

Ikigo gikorera ku mbuga nkoranyambaga Facebook kivuga ko hafi imiliyoni 50 y’abanywanyi bayo bamaze igihe badakingiwe bikwiye, gurtyo amakonti yabo agashobora kwinjigwamwo n’inkozizikibi.Icyo kigo kivuga ko izo nkozizikibi zinjiye mu makonti ziciye muri porogaramu yitwa “View As” kugira ngo zigenzure amakonti y’abantu.

Byamenyekanye ku munsi wa kabiri nkuko Facebook ivuga, icya ibishikiriza igipolisi.Ku munsi wa gatanu abanywanyi bibasiwe n’ubwo bugizi bwa nabi, ikigo cya facebook basabye abakoresha urwo rubuga gufunga za konti zabo,bagafungura izindi nshya.

Iryo kosa ryo kudakingira bikwiye amakonti y’abanywanyi ryatorewe umuti nkuko bivugwa n’icyegera cy’uwurongoye igisata “Product Management”, Guy Rosen, asigura ko amakonti yibasiwe yasubiwemwo cyo kimwe n’ayandi imiliyoni 40 mu gutangiriza.

Facebook ifite abanywanyi imiliyari ebyeri ku kwezi, umutahe wayo wagabanutseho ibice 3% ku munsi wa gatanu.Icyo kigo kivuga ko izindi mbuga nka AirBnB na Tinder, zishobora nazo nyene kwibasirwa.

Ni bande bibasiwe n’icyo gitero?

Icyo kigo cyamenyesheje ko kidashobora kuvuga abo banywanyi imiliyoni 50 abaribo, ariko ngo cyabimenyesheje inzego z’umutekano  muri Irlande.

Kivuga ko abakoresha Facebook bugaye bagasubira gufungura amakonti yabo, batiriwe bahindura amagambo y’ibanga bifashisha mu gufungura (passwords).

“Mu gihe twatanguye amatohoza, turacarondera kumenya ko ayo makonti yakoreshejwe, n’amabanga yabuwe. Ntituzi abakoze ibyo bitero naho baba.”

Yongeye ati: “Amabanga y’umuntu hamwe n’ugutekanigwa, birahambaye kuri twebwe, kandi turababajwe n’ibyashitse.”Icyo kigo kivuga ko n’uwatanguje Facebook Mark Zuckerberg n’umukozi wiwe Sheryl Sandberg, bari muri ayo makonti imiliyoni 50 yibasiwe.

Bino bisobanura iki kuri Facebook?

Bino bibaye mu gihe Facebook yariko iragerageza kwemeza abanyamategeko bo muri Amerika n’ahandi, ko ishobora gukingira bikwiye amabanga y’abanywanyi.

Uwatangije Facebook Mark Zuckerberg yavuze kuri telefone ya benshi ku munsi wa gatanu, ko afata icyo kibazo cy’umutekano w’abanywanyi  mu gihe haguma haba ibitero by’abagizi ba nabi.

Uwitwa Jeff Pollard icyegera cy’umuyobozi w’ ikigo Forrester, avuga ko mu gihe Facebook ibitse amakuru menshi y’abanywanyi bayo, ko guhora yiteguriye guterwa nibitero bya abagizi ba nabi.

“Abatera bahiga ahabitswe amakuru, ibyo bikaba byatumye Facebook ikaza umurego,” niko yavuze.”Bino bisobanura ko Facebook ikwiye kugabanya uburyo bwo kwinjira mu makuru y’abantu.”Mu kwezi kwa mbere kw’uno mwaka, Mark Zuckerberg yavuze ko bagiye guhindura bimwe bimwe ku bijanye n’amakuru y’umuntu.

Facebook ubu ngo izohora ibwira abanywanyi amakuru yo kwizerwa n'ayatari ayo kwizerwa

Facebook ubu ngo izahora ibwira abanywanyi bayo amakuru yo kwizerwa n’ayatari ayo kwizerwa

Umuyobozi nshingwabikorwa ari nawe yashinze urubuga rwa Facebook Mark Zuckerberg, amenyesha ko urubuga rwiwe rugiye kuzohora rubaza abanywanyi inkomoko z’amakuru babona bafitiye icizere kuruta izindi.

Ibyo ngo bizatuma Facebook imenya abo ikwiye guha uburenganzira bwa mbere ku bakeneye kwifashisha urwo rubuga mw’itangazamakuru.

Abanyamakuru bavuga ko Facebook yifuza guhagarika amakuru y’ibinyoma no gushyira ahabona amakuru y’ukuri.Facebook yafashe iyo ngingo, nyuma y’imyumvikano ikomeye hagati yayo n’ibigo by’itangazamakuru bifite imirongo ngenderwako ikomeye.

Skip to toolbar