USA: Trump Aragendera Intara ya Carolina Yatewe n’Imyuzure

Amazu yo mu micungararo y’igisagara Lumberton, muri Carolina ya Ruguru yatewe n’imyuzure. Itariki 17/09/2018.

Perezida Donald Trump ategekanya kugendera Leta ya Carolina ya ruguru kuri uyu wa gatatu kwirabira ibyononywe na Serwakira ivanze n’imvura yahawe akazina ka Florence hamwe n’aho ibikorwa byo gutabara bigeze.

Perezida Trump avuga ko ashima ukwitanga kw’abategetsi, abasirikare hamwe n’abandi bariho barafasha.

Serwakira Florence gushyika ubu kimaze guhitana ubuzima bw’abantu bashyika kuri 32, gisiga ibisagara hafi byose byo muri Carolina ya ruguru mu bishanga by’amazi n’imyuzure.

Abategetsi bo muri Leta bose basaba abanyagihugu kutishimira akazuba kabonetse kuri uyu wa kabiri, kuko ngo hari iyindi myuzure yitezwe mur’iki cyumweru.

Skip to toolbar