Trump yidogeye FBI kutabuza ubwicanyi bwo muri Floride

Prezida Donald Trump wa Amerika yaneguye ikigo kijejwe amatohoza FBI kuba kitashoboye guhagarika ubwicanyi bwabaye ku munsi wa gatatu kw’ishuli ryo muri Floride kandi ngo hari ibimenyetso by’imburi.

Bwana Trump avuga ko ico kigo gita umwanya mu kurondera kwemeza ko Uburusiya bwagize uruhara mw’iyamamaza ryiwe mu matora y’umukuru w’igihugu.

Ku butumwa yacishije kuri Twitter yavuze ko FBI ikwiye kwitaho akazi kayo ko atawokwemera ukuntu icyo kigo cyaba kitashoboye gukorera ku bimenyetso byinshi uwakoze ubwo bwicanyi yari yagaragaje.

Imbere y’ubwo bwicanyi, ibihumbi by’abanyagihugu bagize imyiyerekano muri Floride basaba ubutegetsi gukomeza ibikogwa byo kugenzura ibirwanisho, bidogera Trump gushyiraho amategeko abuza abantu kubitunga.

Bwana Trump yavuze ko uwakoze ubwo bwicanyi, Nikolas Cruz, yabitewe nuko arwaye mu mutwe.

Skip to toolbar