Inama ya EAC izabera i Kampala

Perezida wa Uganda Yoweri Kaguta Museveni

Mu ndwi iza, i Kampala muri Uganda hazokorana inama rukokoma y’abakuru b’ibihugu bya Afurika y’Ubuseruko.

Nk’uko uwo muryango wabitangarije abamenyeshamakuru, iyo nama izarabera hamwe aho ibikorwa vy’iterambere bigeze, n’ikibazo c’ibiganiro bihuza Abarundi.

Umunyamabanga mukuru w’umuryango wa Afurika y’Ubuseruko Ambasaderi Liberat Mfumukeko yavuze ko iyo nama y’abakuru b’ibihugu izokwibanda ahanini kw’iterambere muri rusangi.

Yavuze kandi ko hazoba harimwo n’umwiherero wabo wo kurondera imfashanyo mu vyerekeye inyubakwa nk’amabarabara ahuza ibihugu, guteza imbere ibiyaga nka Tanganyika na Victoria, hamwe n’igisata c’amagara y’abantu. Ambasaderi Liberat Mfumukeko yongeyeko ko n’ikibazo c’ibiganiro bihuza Abarundi kiri ku rutonde.

Umuhuza Benjamin Mkapa azotanga icegeranyo cy’aho agejeje igikorwa yahawe n’akarere co kuba umuhuza mu matati ya politike mu Burundi. Ni mu gihe ibiganiro biheruka mu kwezi kw’12 k’umwaka uheze, vyarangiye ata masezerano abonetse nk’uko vyari vyitezwe.

Mfumukeko yavuze ko umuhuza yahuye mu ndwi iheze n’umuhuza mukuru ari we Yoweri Kaguta Museveni, perezida wa Uganda, asanzwe anatwara inama y’abakuru b’ibihugu bagenzi be. Yavuze ko inama y’abakuru b’ibihugu ariyo izatanga iyindi ntumbero y’ingene ibyo biganiro byogenda.

Iyo nama y’abakuru b’ibihugu igiye gukorana mu gihe hari ukutumvikana hagati y’ibihugu bimwe bimwe bigize uwo muryango. Mu minsi iheze havuzwe amatati hagati y’u Rwanda na Uganda ari naho hazabera iyo nama. Haracari kandi ingorane z’imigenderanire hagati y’Uburundi n’u Rwanda.

Mfumukeko, yavuze ko ata na rimwe mu muryango hazokwigera habura utubazo. Yamara yizeye ko abakuru b’ibihugu nabo bama barikanuye kugira batorere umuti izo ngorane.

“Ndabyizeye kandi ndabizi ko uwu muryango ushobora gutorera inyishu amatati yose yokwaduka. Ikibyerekana n’uko hariko harandikwa n’ibwirizwa nshingiro rigenga umuryango wose nk’igihugu kimwe.”

Abakuru b’ibihugu byose baramaze kwemerera umuryango wa Afurika y’ubuseruko ko bazokwitaba iyo nama canke bakarungika intumwa. Izoba ari inama y’abakuru b’ibihugu igira 19, umwiherero na wo n’uwugira 4 mu byerekeye inyubako n’ibikorwa rusange.

Skip to toolbar