Uburusiya bwasubije ababufatiye ibihano.

Uburusiya bwasubije ababufatiye ibihano

 Abafatiye ibihano Uburusiya ntibemerewe gushorayo ibifungurwa

Uburusiya bwafashe ingingo yo kwankira kwinjira hafi y’ibifungurwa vyose vyahora vyinjizwa mu gihugu biturutse i Buraya, Amerika n’ahandi.

Bwagize ivyo mu gusubiriza mu ndumane ivyo bihugu kubera ibihano ruhasha mu vy’ubutunzi vyafatiye Uburusiya kubera ikibazo ca Ukraine.

Umushikiranganji wa mbere w’Uburusiya, Dmitry Medvedev, yavuze ko Uburusiya butazemera ko hinjira inyama, amafi, ivyamwa, imboga hamwe n’ibihingurwa mu mata.

Ivyankiwe kwinjira ni ibizoba bivuye mu bihugu vy’ishirahamwe rya Buraya, leta zunze umwe za Amerika, Canada hamwe na Norvege, ikiringo kingana umwaka.

Uburusiya busanzwe butumiza hanze ivyo kurya birenga ica gatatu c’ivyo bukenera.

Umunyamakuru wa BBC yihweza ibijanye n’ubutunzi avuga ko Uburusiya buzokenera kurondera ahandi butumiza ibifungurwa, bizosubirira ibibujijwe kwinjira, ivyo navyo bikazotuma ibiciro biduga.

Skip to toolbar