Ubuhanuzi: ibiroli by’Isamariya bizatangira saa sita z’amanywa,mu masaha ya nimunsi,byimukire muri gakondo birare inkera kuzageza mu gitondo!!!

Leta y’ Uburundi iremeje urupfu rwa Perezida Nkurunziza. Ayandi makuru ni mu kanya Burundi Government URGENT: Le Gouvernement de la République du Burundi annonce avec une très grande tristesse le décès inopiné de Son Excellence Pierre Nkurunziza, Président de la République du Burundi, survenu à l’Hôpital du Cinquantenaire de Karusi suite à un arrêt cardiaque ce 8 juin 2020.

Amakuru y’Urupfu rwa Prezida w’Uburundi Pierre Nkurunziza Ijiwi ry’Amerika ryayamenye kuwa mbere tariki ya 8/6/2020 mu masaha ya kumi na zibiri z’umugoroba ku masaha y’Uburundi ariko n’ubwo twari dufise ivyemezo vyose tubanza kubangira imbere yo kuyatangaza.

Mw’itangazo Reta y’Ubuirundi yashize ahabona ibicishije ku rubuga rwayo rwa Twitter yameje iyo nkuru igira iti: Turi n’umubabaro wo kumenyesha abarundi n’amakungu urupfu rutunguranye rwa Prezida Nkurunziza yitavye Imana ari ku bitaro bikuru vyi’ i Karuzi. Muri iryo tangazo Reta y’Uburundi yemeje ko Perezida Nkurunziza azize ingwara y’umutima.

Iryo tangazo ribandanya riti: ku muhingamo wo ku munsi wa gatandatu, ni kuvuga igenekerezo rya 6 yari yamye kurorera umukino w’amaboko, volley ball, miu ntara ya Ngozi, ni ko kumva amarewe nabi, ahava ajanwa mu bitaro by’i Karusi mw’ijioro ry’uwa mungu. Muri iryo joro, yakomeje yumva amerewe nabi ariko bidq\akabije kuko yashobora kuvugana n’abamugwaje. Ibintu bihava biba bibi ku wa mbere mu gatondo kuko vyahavuye biba ivy’umutima hama ahava yitaba Imana mu gatondo ko kuwa mbere, nk’uko itanagzo rya Reta rivyemeza. Muri iryo tanagzo reta yahojeje abarundi yongera ikigandaro c’iminsi indwi guhera uno munsi kuwa kabiri

Hagati aho, Reta itangaje ivy’ingwara y’umutima mu gihe abashize amakuru ubwa mbere bo bavuga ko Prezida Nkurunzia ashengeye ku myaka 56 yari arwaye umugera wa corona.

Kuva tukimenya ivy‘urwo rupfu ejo kuwa mbere, twabajije umuvugizi za Nkurunziza Jean Claude Karerwa Ndenzako, aduhakanira amakuru y’uburwayi bwamuvugwako avugako avyumvanye twebwe. Ni ko gukomeza tubaza umuhbanuzi wiwe Willy Nyamitwe uno munsi, ahama mu butumwa yaturungikiye tuvugana kuri message agira ati: nimurindire gato reta irasohora itangazo mu kanya. Iryo tangazo ryasohotse turiko tuvugana n’umwe mu bashingamateka batwemereye imvano amakuru avuga ko ejo ibikorwa mu nama nshingamteka vyasa nk’ivyahagaze, uno munsi bamwe mu bashingamteka bakaba basubijwe inyuma ibikorwa bitabaye. Nkurunziza yitavye imana mu gihe bivugwa ko umutambukanyi wiwe akiri kwivuriza umugera wa Corona mu gisagara ca Naironi muri Kenya.

Pierre Nkurunziza yashyitse ku butegetsi mu mwaka 2005. Akaba yakomoka mu mugambwe CNDD-FDD nawo wavuye mu muhari warwanya reta y’Uburundi, umuhari yinjiyemwo mu mwaka 1995 aho yari avuye muri kaminuza y’Uburundi yigisha mu gisata co kwinonora imitsi. Ashengeye mu gihe kuwa 20 ukwezi kwa gatanu hatowe umusubirizi wiwe Evaritse Ndayishimiye azimikwa igenekerezo rya 20 ukwezi kw’umunani. Ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ryo mu mwaka 2018, mu ngingo yaryo y’i121 mu gace ka kabiri, rimenyesha ko iyo umukuru w’igihugu yitavye Imana aca asubirirwa n’umukuru w’inama nshingamateka.

Skip to toolbar