Amerika Igiye Guhungabanya Ubucuruzi bw’ibikomoka kuri petroli muri Irani

Ahatunganirizwa amavuta ya petroli muri Irani

Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’amahanga Mohammad Javad Zarif yagiriza Leta zunze ubumwe za Amerika gushaka gushyira Irani ku mavi no guhindura Leta mu kurondera guhungabanya urudandaza mpuzamakungu rw’ibitoro.

Umushikiranganji Zarif, mu kiganiro kuri televiziyo Fox News y’aha muri Amerika ejo kucyumweru yavuze ko akagwi kagizwe n’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu, umuhanuzi muvy’umutekano mu gihugu muri Amerika John Bolton, hamwe n’abandi bategetsi, uwa Arabiya Sawudite na Emirat zunze ubumwe z’Abarabu bariko basunikira perezida Donald Trump mu ntambara adashaka ko iba.

Umujyanama Bolton, kur’iyo televiziyo ya Fox News, yavuze ko intumbero ya Amerika atari uguhindura ubutegetsi, ariko ko ar’uko Irani yohindura imyifato, cyane cyane guhagarika porogaramu y’ibirwanisho bya Nikleyeli.

Amerika ivuga ko igiye guhana Irani mu kuyibuza kuronka miriyali 50 z’amadolari ava muri petroli buri mwaka kugira igondozwe ihagarike porogaramu ya Nikleyeli.

Skip to toolbar