Theresa May Aracafisweko Icizere mu Mugambwe Wiwe

Umushikiranganji wa mbere wa mbere w’Ubwongereza Theresa May.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May yararokotse, yongera kwizerwa n’abashingamateka bo mu mugambwe wiwe kubandanya amabanga yiwe no gukinga ibibazo vya politike vyokongera kwaduka.

 

May yashigikiwe ku majwi 200 kuri 117 mu matora y’abo mu mugambwe aturukamwo w’aba conservateurs mu nama nshingamateka ejo kuwa kabiri.

Hasigaye kumenya nimba iyo ntsinzi izomufasha gutsindira amasezerano yo kuvavanura n’umuryango w’ubumwe bwa Bulaya, Brexit, amaze igihe yumvikanako n’Abanyabulaya.

Ata gihindutse, Ubwongereza buzova muri uyu muryango kw’italiki 29 z’ukwezi kwa gatatu, 2019, nkuko referendumu yo mu mwaka wa 2016 yavyemeje. Izo mpande zibiri zaragize ico zishikako kuri uyo mugambi wo kuva mu Bulayi inyuma y’ibiganiro vyamaze igihe kirekire, ariko bibwirizwa kwemezwa n’inama nshingamateka y’Ubwongereza.

Skip to toolbar