Museveni Yibutsa Nkurunziza ko Yashikanywe ku Butegetsi n’Ibiganiro

Perezida wa Uganda Museveni

Perezida wa Uganda Yoweri Kaguta Museveni yabwiye mugenzi we w’Uburundi Pierre Nkurunziza ko abakuru b’ibihugu by’akarere ka Afurika y’ubuseruko ari bo bazofata ingingo y’uko ikibazo cy’umubano mubi hagati y’Uburundi n’u Rwanda gikwiye kwigwa.

Mu ibaruwa Museveni yishuye kuryo Nkurunziza yari yamwandikiye mu ndwi iheze amusaba guhamagaza byihuta inama y’abakuru b’ibihugu vya EAC ku kibazo c’Uburundi n’Urwanda, yanditse ko icyipfuzo cyiwe azogishikiriza bagenzi biwe mu nama yabo bitegekanijwe ko izoba mu mpera za k’uno kwezi, yongera amusaba kutayisiba nk’uko yabikoze ubuherutse.

Muri iyo baruwa Museveni yagarutse ku biganiro bihuza Abarundi aho yabwiye Nkurunziza ko insiguro yamuhaye y’icatumye Leta aramutswa isiba zidafashe na gato. Nkurunziza yari yasiguriye Museveni ko bimwe mu vyatumye atitaba ivyo biganiro harimwo ukwanka kwicarana n’abashatse kumukura ku butegetsi.

      Burundi

Museveni yatomoreye Nkurunziza ko umuhari wiwe CNDD warwanya ubutegetsi bwa Major Pierre Buyoya utigeze ufata igihugu kuri ubwo ko iyo avuze ko akarere gashaka kwisuka no kuvogera ubwigenge bw’Uburundi aba yiyibagije ibiganiro vyamushikanye ku butegetsi vyarondewe vyongera bihagararirwa n’ako karere nyene yagiriza kwivanga mu vy’Uburundi.

Ku kibazo Nkurunziza yari yabajije Museveni co kumenya igituma Perezida w’u Rwanda Paul Kagame atoganira n’interahamwe nk’uko akarere kariko karamugobera ngo yitabe ibiganiro, Museveni yamubwiye ko ariko agereranya ibitagerereranywa.

Mu majambo yiwe yanditse ati:“Naho ntari umuvugizi wa perezida w’u Rwanda ndazi ko interahamwe zakoze ihonyabwoko ry’Abatutsi mu gihe mu Burundi abo tugusaba kuganira ari abashatse gutembagaza ubutegetsi gusa.

Museveni yarangije ikete ryiwe acira umugani Nkurunziza ati: “gukoresha inguvu n’ubwicanyi mu gushaka impinduka bisa n’ugukoresha imbugita: ukoresheje nabi imbugita ucika umuyangayanga abaga inka aho kuba umuganga abaga abarwayi mu bitaro kugira abakize.

Inkuru yateguwe n’umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika, Pierre Claver Niyonkuru

Skip to toolbar