RDC: Abatavuga Rumwe na Leta Bazatanga Kandida Umwe mu Matora

Felix Tshiseki wa UDPS na Vital Kamerhe wa UNC ni bo bazikuramo umukandida uzahangana na Ramazami Shadary mu matora y’umukuru w’igihugu.

Imigambwe ikomeye itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo yatangaje ko vuba yiteguriye gutanga umukandida umwe rukumbi uzayiserukira mu matora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora ateganijwe itariki ya 23 z’ukwezi kwa cumi na kabiri uno mwaka.

Indongozi z’iyo migambwe zabivugiye mu myiyerekano yabereye mu mabarabara atandukanye y’umurwa mukuru Kinshasa kuri uno wa gatandatu.

Félix Tshisekedi na Vital Kamerhe bari mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bemejwe n’urukiko rwikirenga  ko bakwije ibya ngombwa byo kwiyamamaza muri ayo matora, mu magambo bashyikirije abanywanyi babo bongeye kuvuga ko batizeye amamashini azokoreshwa muri ayo matora. Bamenyesheje ko bazobandanya gusaba ko ahindurwa hadahinduwe itariki yo gutora.

Jean-Pierre Bemba na Moise Katumbi, batemerewe kwitoza bavugira ku buhinga bwa none, bashyikirije ijambo abari muri iyo myiyerekano, aho bavuze ko bashyigikiye iciyumviro cyo guserukirwa n’umukandida umwe rukumbi.

Umuyobozi w’umugambwe, UDPS, Félix Tshisekedi, yari mu bari batunganije iyo myiyekano yasojwe n’ikoraniro rukokoma, yabwiye abamenyeshamakuru ko ubwinshi bw’ababitabiriye bwerekanye ko bashigikiwe.

Abapolisi baharurwa mu majana ni bo bari bacungereye amabarabara yabereyemo iyo myiyerekano n’inama n’inama nshingamateka.

 

Skip to toolbar