Sarkozy ari mu minwe y’igipolisi mu Bufaransa

Uwigeze gutwara igihugu cy’Ubufaransa, Nicolas Sarkozy yatawe mu mvuto kugira ngo ashobore gusambishwa ku byo aregwa ko yaronse amahera yo kwiyamamaza arungikiwe n’uwahora ari indingozi ya Libiya, Muammar Kadhafi.

Igipolisi kiriho gitohoza ku bivugwa ko yaronse ayo mahera bidaciye mu mategeko, yiyamamariza amatora yo mu 2007.Igipolisi cyarigeze kumusambisha muri kahise.Uwigeze kuba umufasha wiwe, Alexandre Djouhri, aheruka gufatirwa mu gisagara cya Londres.

Bwana Sarkozy yananiwe kugaruka ku butegesti mu 2012.

Amakuru ava mu gisata cy’ubutungane avuga ko ariho arasambishirizwa ahitwa Nanterre, mu bwinjiriro bw’igisagara cya Paris mu burengero.

Mu 2013 Ubufaransa bwatangije itohoza ku birego bivuga ko yahawe na Kadhafi amahera yo kwiyamamaza bidaciye mu mategeko mu 2013, ariko Bwana Sarkozy yavuze ko ata kibi yakoze.

Abatanze amakuru bavuga ko umushikiranganji warucuditse na Bwana Sarkozy, Brice Hortefeux, ariho arasambishwa n’igipolisi kuri uno wa kabiri.

Ibyo birego byaturutse ku mugwizatunga w’umufaransa afite amamuko yo muri Libani, Ziad Takieddine, hamwe na bamwe mu bari mu butegetsi bwa Kadhafi.

Skip to toolbar