Impaka Zirakomeje Mu Nteko Ishinga Amategeko Ya EAC

Martin Ngoga watorewe guhagararira u Rwanda muri EALA

Inama nshingamateka y’umuryango w’Afrika y’Ubuseruko yarakoranye ikibiriraho kuwa gatatu itora ingingo iha uruhusha abashingamateka bose bavyifuza kuzotanga umuco mu rubanza rw’Uburundi bwitwayemwo muri sentare ya EAC, buvuga ko butemera uwutwara iyo nama nshingamateka.

Icyo ciyumviro ni icy’umushingamateka wo mu Buganda Fred Mukasa Mbidde ari kumwe n’abandi bamushigikiye.

Inama nshingamateka y’umuryango w’Afrika y’ubuseruko yaciye itora ingingo imwemerera, cyo kimwe n’abandi babyifuza kandi bafite icyo bashyikiriza mu rubanza ruri muri sentare, kubitanga.

Intumbero ya bo, ni iyo gutanga umucyo mu rubanza rwashingishijwe n’Uburundi bwiyamiriza amatora yashikanye Umunyarwanda Martin Ngoga mu kibanza cy’umukuru w’iyo nama nshingamateka, mu mpera z’umwaka uheze.

Iyo ngingo ivuga ko ubikeneye wese ahawe ikaze kugira azatange umucyo muri sentare yisunze ingene amategeko akurikizwa hamwe n’ingene vyagenze muri ayo matora.

Abashingamateka babiri gusa b’Abarundi Sophie Nsavyimana na Christophe Nduwayo nibo bari bahari, bobo berekanye ko badashigikiye iyo ngingo. Nyamara kubera abashingamateka bashigikiye iyo ngingo ari benshi, yaruhiye gutorwa.

Icyo kibazo cyari cyashikirijwe mu gihe urwo rubanza rwaburanishwaga bwa mbere, ku munsi wa kabiri w’iyiki cyumweru. Umushingamateka Mbidde, yari yarungitse abashingwamanza babiri bamuserukira.

Basiguye ko bashaka gutanga umucyo murukiko, batumwe n’inama nshingamateka, ariko uwuburanira leta y’Uburundi yarabanze, n’urukiko iramushigikira.

Skip to toolbar