Tillerson Aranegura Politike y’Ubushinwa kuri Afurika

Umunyamabanga wa Leta zunze ubumwe z’Amerika Rex Tillerson avuga mu mubonano n’icyegera cy’umushikiranganji wa mbere wa Irlande i Washington, Itariki ya 23/02/2018.

Rex Tillerson, sekreteri wa reta wa Leta zunze ubumwe z’Amerika kur’uyu wa kabiri niho aribufate indege mu rugendo rwa mbere muri Afrika, urugendo rugamije gukuraho ubwoba uwo mugabane ufitte bufatiye ku mvugo zigaragaza amakenga zashikirijwe na perezida Donald Trump wa Leta zunze ubumwe z’Amerika.

Uwo mutegetsi yavuze imbere yo kurira indege yavuzeko Leta zunze ubumwe z’Amerika zifuza gukomeza intwaro muri Afrika, ibihugu bigendera ku mategeko kandi byiyuba. Avuga ko ari igihushane cy’Ubushinwa avuga ko burajwe ishinga n’uko Afrika itegerezwa kugira ibyo itanga kugira buyifashe.

Tillerson arindiriwe muri Etiyopiya kur’uyu wa gatatu, aho icyuka cya politike kitifashe neza kuva umushikiranganji wa mbere Hailemariam Desalegn, atanze imihoho. Ategenya kandi kubonana n’abategetsi ba komisiyo y’umuryango w’ubumwe bw’Afrika.

Tillerson azoca yerekeza muri Djibouti, ahari ikambi ya gisirikare y’Abanyamerika mur’ako karere, mu nyuma ajye muri Kenya, igihugu kivuye mu migumuko y’inyuma y’amatora, ace muri Tchad, igihugu buzoba bubaye ubwa mbere kigendewe na umunyamabanga wa Leta y’Amerika, mu nyuma arangirize muri Nijeriya kw’itariki ya 13 z’ukwezi kwa gatatu.

Skip to toolbar