Etiyopiya: Abanyagihugu Bariyamiriza Ibihe Bidasanzwe

Amangazine yugaye mu gihe cyo kwiyamiriza ibihe bidasanzwe igihugu kirimwo, Addis Abeba, italiki 5/03/2018.

Imirimo y’ubudandaji yugaye ku murwa mukuru w’igihugu cya Etiyopia, Addis Abeba no mu ntara nini cyane mu gihugu ya Oromia, kur’uyu musi wa mbere.

Ni mu gihe habaye imyiyerekano y’ukwiyamiriza amategeko yo mu bihe bidasanzwe yatangajwe inyuma yuko umushikiranganji wa mbere atanze imihoro mu kwezi guheze.

Amamangazini yugaye mu gihe ata n’inyoni yabazwa mu mabarabara yo mu bice bimwe bimwe vy’umurwa mukuru, Addis Abeba no mu bisagara byo mu ntara ya Oromia iri mu micungararo y’umurwa mukuru.Intara ya Oromia niyo yaranzwe n’imyiyerekano ikomeye y’ukwiyamiriza Leta kuva mu mwaka w’i 2015.

Imyiyerekano yo kur’uyu wa mbere mbere ni inyishu ku bwoba abantu bafite ku byerekeye amategeko yo mu bihe bidasanzwe yatangajwe.

Imyiyerekano n’ukwugara amabarabara birabujijwe hisunzwe amategeko yo mu bihe bidasanzwe, yatangajwe kw’italiki 16 y’ukwezi kwa kabiri.

N’inyuma y’uko umushikiranganji wa mbere, Hailemariam Desaleng yari amaze gutangaza ko atanze imihoho inyuma yuko amaze hafi y’imyaka itandatu mu mabanga yiwe.

Igihugu cya Etiyopiya cyaragendeye ku mategekeo yo mu bihe bidasanzwe imbere yaho, kuva mu kwezi kw’icumi mu mwaka w’i 2016 gushika mu kwezi kw’umunani mu mwaka w’i 2017.

Hari inyuma y’imyiyerekano yo kwiyamiriza Leta yari imaze amezi atari make iba mu ntara ya Oromia no mu ntara bihana imbibe ya Amhara. Abantu amajana n’amajana barahasize ubuzima mu gihe abantu ibihumbi n’ibihumbi bahagaritswe.

Skip to toolbar