Indwano ishingiye ku moko yahitanye 33 muri Congo

Abantu barenga 33 bishwe mu ngwano yadutse ishingiye ku moko muri Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo (RD Congo), niko ubutegetsi buvuga.

Ubwo bwicanyi bwadutse hagati y’aba Hema n’aba Lendu mu buraruko bushyira ubuseruko mu ntara ya Ituri.

Iradiyo ifashwe mu mugongo na Onu ivuga ko abateye baciye basubizwa inyuma n’inteko z’umutekano.Abantu barenga 100 barishwe muri izo ntureka muri iyo ntara, kuva hagati y’ukwezi kwa 12.

Indyane ziri hagati y’aborozi b’aba Hema n’abarimyi b’aba Lendu mu ntara ya Ituri, zimaze gutuma abantu benshi bahunga, abandi bata ingo zabo muri ino myaka ibiri irangiye.

Abantu bashika 200,000 nibo bavugwa ko vyabaye ngombwa ko bata ingo zabo, kubera ubwo bwicanyi bwo muri Ituri.

Mu myaka ibiri irangiye, abantu benshi barataye ingo zabo muri RD Congo

Umuvugizi w’igisirikare muri ako karere Jules Ngongo, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters, ko inteko z’igihugu arizo zabangurukanije izo mpande zibiri.

“byari ibintu byo kwihorana muri iyo miryango ibiri. Ku makuru twaronse, hari abantu baciwe imitwe,” niko yavuze.

Amwe mu mashirahamwe y’abagiraneza avuga ko hoba hapfuye abantu 49 canke barenga.

Umumenyeshamakuru wa BBC yaheruka kubona ibigwati vyaturiwe muri Ituri, aho aba Hema n’aba Lendu baguma barwana bapfa amatongo.

Amashirahamwe y’abagiraneza aragabisha ku bijyanye n’iyo ndwano yo muri Ituri.Ikigo cya Onu cyitaho abana, Unicef, kivuga ko abana 46000 bahunze.

Ikigo cya Norvege citaho impunzi “Norwegian Refugee Council” (NRC), kivuga ko abantu imiliyoni zine n’inusu bakeneye imfashanyo.

Skip to toolbar