Ubuhanuzi: Umubare wa banyamahanga bazagwa mu Rwanda ingoma y’abega ikuweho ukomeje kwiyongera

u Rwanda rwakiriye abantu mu cyumweru gishize aba mbere boherejwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu gushyira mu bikorwa amasezerano bumvikanye n’icyo gihugu. Mu ntangiriro zuku kwezi kwa kanama (8) niho byamenyekana ko u Rwanda rwumvikanye na Washington DC ‘kwakira abimukira 250Amerika ishaka kwirukana.

Leta ya perezida Donald Trump isanzwe imaze igihe iriho ivugana n’ibihugu bitari bicye kugirango byemere kwakira abo yirukanye ivuga ko biba bikenewe iyo ibihugu baturukamwo byanze kubakira.

Umuvugizi wa reta y’uRwanda, Yolanda Makolo yavuze ko muri abo barindwi, bane bonyine aribo bazaguma mu icyo gihugu, mu gihe abandi batatu bo bahisemwo gusubira mu gihugu cya mavuko.

Ibindi bihugu bimaze kwemera kwakira abimukira birukanywe na Amerika birimwo Uganda na Honduras.

Ubushikiranganji bwa Uganda bujejwe imigenderanire ku ndwi iheze niho bwemeza ko ayo masezerano yashitsweko nk’uko umunyamabanga ntayegayezwa wa bwo, Bagiire Vincent Waiswa, yavyanditse mw’itangazo kuri X (yahoze ari Twitter).

Iryo tangazo rivuga ko Uganda yemeye kwakira abimukira birukanywe mu gihe nta k’ibyaha baba bandi mu bihe byashize, bari kumwe n’abatarakwiza imyaka y’ubukure kandi baturuka mu bihugu bya Afrika gusa.

Abo ba mbere bakiriwe n’Urwanda nta kiramenyekana ku myirondoro yabo yerekeye ibyo.

Gusa kimwe mu bisabwa muri ayo masezerano u Rwanda rwagiranye na Amerika ni uko ruzoba rufise ”ububasha bwo kwemerera canke kwankira umwe umwe mu bazoba bari ku rutonde rw’abirukanwa”, nk’uko umuvugizi wa reta yabibwiye BBC.

Amasezerano ya Amerika n’u Rwanda avugwa ubu arashusha n’ayo Urwanda rwari rwagiranye n’Ubwongereza ariko mu nyuma ahagarikwa n’ubutegetsi bushasha bwatowe muri ico gihugu mu 2024.

Ayo masezerano yari yariyamirijwe n’amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu avuga ko Urwanda ari igihugu gihonyanga ubwo burenganzira.

Ibindi bihugu bimaze kwakira abirukanywe ni Eswatini (cahoze kizwi nka Swaziland) hamwe na Sudani y’Epfo.

Muri Eswatini ico kibazo kirateye impari kuko hari abiyamiriza kuba reta yacyo yemeye kwakira abantu bari basanzwe ari abanyavyaha.

Ishirahamwe riharanira demokarasi, Swazi Solidarity Network, ryavuze ko ari ibintu bibabaje.

Umuvugizi waryo Lucky Lukhele yabwiye BBC ko Eswatini idakwiye kuba ikuburiro ry’abanyabyaha, kandi ko abanyagihugu bategerezwa gukingirwa.

Iyo nkuru yateye umutima uhagaze mu bantu bibaza niba amabohero y’ico gihugu afite ubushobozi bwo kwakira abantu nkabo ku buryo ata mpungenge vyotera ku mutekano.

Benin, Angola, Guinee Equatoriale, na Moldavie nabyo byamaze kuvugwa mu binyamakuru mu bihugu bishobora kwakira abimukira birukanywe muri Amerika.

Amerika yaba iri mu mategeko mu kurungika inkozi z’ikibi z’abanyamahanga muri Afrika?

ONU n’amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu asanzwe anegura ukwirukana abimukira bakarungikwa mu bihugu badaturukamwo na cyane cyane ibifite abantu ntabwo babivugaho rumwe

Urwanda narwo nyene ruhora runegurwa ku bijanye n’uburenganzira bwa zina muntu, kandi hari n’amakenga ko abarungitswe muri ico gihugu bashobora kwongera kwirukanwa bakarungikwa mu bihugu bidatekanye, ivyo imigwi iharanira uburenganzira isanga vyoba biciye kubiri n’amategeko mpuzamakungu.

Ariko reta y’ico gihugu ivuga ishimitse ko ishobora kubakingira.

Kuva atanguye ikiringo ca kabiri, Trump yashize inguvu mu kwirukana abimukira batagira ivyangombwa – ikintu gikomeye yari yiyemeje mu gihe cyo kwiyamamaza kandi cyashigikiwe cane.

Mu kwezi kwa kamena (6), urukiko ntahinyuzwa rwa Amerika rwemereye Trump kubandanya kwirukana abimukira barungikwa mu bihugu bitari ivy’amavukiro yabo atabahaye amahirwe yo kwerekana ko bashobora kugeramirwa.

Icyo gihe, abacamanza Sonia Sotomayor, Elena Kagan na Ketanji Brown Jackson ntibahuje na benshi muri urwo rubanza, bavuga ko iyo ngingo ”ari ugukoresha nabi amategeko byeruye”.

Abahinga ba UN mu bijanye n’uburenganzira bwa muntu n’amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu nabo nyine bavuze ko kwirukana umuntu akajyanwa mu gihugu adaturukamwo bishobora guca kubiri n’amategeko mpuzamakungu.

 egretnewseditor@gmail.com 

Translate »
Skip to toolbar