HomePoliticsUwundi Munyagihugu wa Canada Agira Gatatu Yafashwe n'Ubushinwa

Uwundi Munyagihugu wa Canada Agira Gatatu Yafashwe n’Ubushinwa

Umushikiranganji wa mbere wa canada Justin Trudeau mu kiganiro n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters i La Malbaie, Quebec, Canada, itariki 24/05/2018.

Umushikiranganji wa mbere wa Canada Justin Trudeau avuga ko Leta yiwe iriho iragerageza kumenya amakuru ahagije ku munyagihugu wabo agira gatatu yafatiwe mu Bushinwa.

Abandi babiri bafashwe haheze umwanya muto igiporisi cya Canada gifashe umutegetsi w’umushinwa w’ikompanyi y’itumanaho ku busabe bwa Leta zunze ubumwe za Amerika kw’itariki ya 1 y’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Meng Wanzhou yagirizwa kutubahiriza ibihano Amerika yafatiye Irani.Umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe imigenderanire n’amakungu yavuze ko abo banya-Canada bagirizwa kubangamira umutekano w’igihugu. Nta yandi makuru arenze ayo Ubushinwa butanga.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments