Igihuhusi simusiga cyitiriwe Florence uyu musi ku wa gatanu mu gitondo cya kare, cyashitse ku butaka ku nkengero y’inyanja ya Atlantique, muri Leta ya Carolina yo mu buraruko muri Leta zunze ubumwe z’Amerika. Cyateje umwuzure w’amazi ku birometero bitari bike muri iyo reta, n’inyubakwa zitari nke zirasamburwa n’imvura y’akura hamwe n’umuyaga w’akataraboneka.
Ibiro by’igihugu bishinzwe gukurikirana ibihuhuzi, byatangaje kw’igihuhusi Florence cyashyitse ku nkengera y’ubutaka bw’igisagara cya Wrightville , kiri ku birometero 10 by’igisagara cya Welmington. Cyari gifite umuvuduko wa kilometero 150 kw’isaha.
Igihuhusi Florence cyari cyagababanijwe inguvu zacyo gushyika ku rugero rwa mbere, ariko abahanga bashinzwe kumenya ihindagurika ry’igicu, bavuga kw’icyo gihuhusi gishobora kwica.

Ubushikiranganji bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika bujejwe kivuna abansi bwarungitse ubwato bunini hamwe n’abasirikare bo mu rwego rwa marine, bagiye gufasha mur’iyo ntara.
Byongeye hari indege za kajugujugu hamwe n’amakamyo ashobora kugendera mu mazi, agiye koherezwa mu gikorwa cyo kugarukira ku banyagihugu bahanzwe n’imyuzure y’amazi.