{"id":21122,"date":"2025-08-28T14:55:22","date_gmt":"2025-08-28T14:55:22","guid":{"rendered":"https:\/\/egretnews.com\/?p=21122"},"modified":"2025-09-04T10:01:47","modified_gmt":"2025-09-04T10:01:47","slug":"umubare-wa-banyamahanga-bazagwa-mu-rwanda-ingoma-yabega-ikuweho-ukomeje-kwiyongera","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/egretnews.com\/index.php\/2025\/08\/28\/umubare-wa-banyamahanga-bazagwa-mu-rwanda-ingoma-yabega-ikuweho-ukomeje-kwiyongera\/","title":{"rendered":"Ubuhanuzi: Umubare wa banyamahanga bazagwa mu Rwanda ingoma y&#8217;abega ikuweho ukomeje kwiyongera"},"content":{"rendered":"<p style=\"text-align: justify;\"><em><span style=\"color: #ff0000;\">u Rwanda rwakiriye abantu mu cyumweru gishize aba mbere boherejwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu gushyira mu bikorwa amasezerano bumvikanye n&#8217;icyo gihugu<\/span>. <\/em><em><span style=\"color: #ff0000;\">Mu ntangiriro<\/span> <span style=\"color: #ff0000;\">z<\/span>&#8216;<span style=\"color: #ff0000;\">uku kwezi kwa kanama<\/span> (8) <span style=\"color: #ff0000;\">niho<\/span> <span style=\"color: #ff0000;\">byamenyekana ko u Rwanda rwumvikanye na Washington<\/span> DC &#8216;<span style=\"color: #ff0000;\">kwakira abimukira 250<\/span>&#8216; <span style=\"color: #ff0000;\">Amerika ishaka kwirukana<\/span>.<\/em><\/p>\n<p><!--more--><\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\"><em>Leta ya perezida Donald Trump isanzwe imaze igihe iriho ivugana n&#8217;ibihugu bitari bicye kugirango byemere kwakira abo yirukanye ivuga ko biba bikenewe iyo ibihugu baturukamwo byanze kubakira.<\/em><\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\"><em>Umuvugizi wa reta y&#8217;uRwanda, Yolanda Makolo yavuze ko muri abo barindwi, bane bonyine aribo bazaguma mu icyo gihugu, mu gihe abandi batatu bo bahisemwo gusubira mu gihugu cya mavuko.<\/em><\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\"><em>Ibindi bihugu bimaze kwemera kwakira abimukira birukanywe na Amerika birimwo Uganda na Honduras.<\/em><\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\"><em><a href=\"https:\/\/www.bbc.com\/gahuza\/articles\/c1kzr00nk21o\">Ubushikiranganji bwa Uganda bujejwe imigenderanire ku ndwi iheze niho bwemeza ko ayo masezerano yashitsweko\u00a0<\/a>nk&#8217;uko umunyamabanga ntayegayezwa wa bwo, Bagiire Vincent Waiswa, yavyanditse mw&#8217;itangazo kuri X (yahoze ari Twitter).<\/em><\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\"><em>Iryo tangazo rivuga ko Uganda yemeye kwakira abimukira birukanywe mu gihe nta k&#8217;ibyaha baba bandi mu bihe byashize, bari kumwe n&#8217;abatarakwiza imyaka y&#8217;ubukure kandi baturuka mu bihugu bya Afrika gusa.<\/em><\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\"><em>Abo ba mbere bakiriwe n&#8217;Urwanda nta kiramenyekana ku myirondoro yabo yerekeye ibyo.<\/em><\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\"><em>Gusa kimwe mu bisabwa muri ayo masezerano u Rwanda rwagiranye na Amerika ni uko ruzoba rufise &#8221;ububasha bwo kwemerera canke kwankira umwe umwe mu bazoba bari ku rutonde rw&#8217;abirukanwa&#8221;, nk&#8217;uko umuvugizi wa reta yabibwiye BBC.<\/em><\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\"><em>Amasezerano ya Amerika n&#8217;u Rwanda avugwa ubu arashusha n&#8217;ayo Urwanda rwari rwagiranye n&#8217;Ubwongereza ariko mu nyuma ahagarikwa n&#8217;ubutegetsi bushasha bwatowe muri ico gihugu mu 2024.<\/em><\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\"><em>Ayo masezerano yari yariyamirijwe n&#8217;amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu avuga ko Urwanda ari igihugu gihonyanga ubwo burenganzira.<\/em><\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\"><em>Ibindi bihugu bimaze kwakira abirukanywe ni Eswatini (cahoze kizwi nka Swaziland) hamwe na Sudani y&#8217;Epfo.<\/em><\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\"><em>Muri Eswatini ico kibazo kirateye impari kuko hari abiyamiriza kuba reta yacyo yemeye kwakira abantu bari basanzwe ari abanyavyaha.<\/em><\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\"><em>Ishirahamwe riharanira demokarasi, Swazi Solidarity Network, ryavuze ko ari ibintu bibabaje.<\/em><\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\"><em>Umuvugizi waryo Lucky Lukhele yabwiye BBC ko Eswatini idakwiye kuba ikuburiro ry&#8217;abanyabyaha, kandi ko abanyagihugu bategerezwa gukingirwa.<\/em><\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\"><em>Iyo nkuru yateye umutima uhagaze mu bantu bibaza niba amabohero y&#8217;ico gihugu afite ubushobozi bwo kwakira abantu nkabo ku buryo ata mpungenge vyotera ku mutekano.<\/em><\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\"><em>Benin, Angola, Guinee Equatoriale, na Moldavie nabyo byamaze kuvugwa mu binyamakuru mu bihugu bishobora kwakira abimukira birukanywe muri Amerika.<\/em><\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\"><em><a href=\"https:\/\/www.bbc.com\/gahuza\/articles\/clyjeqxv0gjo\">Amerika yaba iri mu mategeko mu kurungika inkozi z&#8217;ikibi z&#8217;abanyamahanga muri Afrika?<\/a><\/em><\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\"><em>ONU n&#8217;amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu asanzwe anegura ukwirukana abimukira bakarungikwa mu bihugu badaturukamwo na cyane cyane ibifite abantu ntabwo babivugaho rumwe<\/em><\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\"><em>Urwanda narwo nyene ruhora runegurwa ku bijanye n&#8217;uburenganzira bwa zina muntu, kandi hari n&#8217;amakenga ko abarungitswe muri ico gihugu bashobora kwongera kwirukanwa bakarungikwa mu bihugu bidatekanye, ivyo imigwi iharanira uburenganzira isanga vyoba biciye kubiri n&#8217;amategeko mpuzamakungu.<\/em><\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\"><em>Ariko reta y&#8217;ico gihugu ivuga ishimitse ko ishobora kubakingira.<\/em><\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\"><em>Kuva atanguye ikiringo ca kabiri, Trump yashize inguvu mu kwirukana abimukira batagira ivyangombwa &#8211; ikintu gikomeye yari yiyemeje mu gihe cyo kwiyamamaza kandi cyashigikiwe cane.<\/em><\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\"><em>Mu kwezi kwa kamena (6), urukiko ntahinyuzwa rwa Amerika rwemereye Trump kubandanya kwirukana abimukira barungikwa mu bihugu bitari ivy&#8217;amavukiro yabo atabahaye amahirwe yo kwerekana ko bashobora kugeramirwa.<\/em><\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\"><em>Icyo gihe, abacamanza Sonia Sotomayor, Elena Kagan na Ketanji Brown Jackson ntibahuje na benshi muri urwo rubanza, bavuga ko iyo ngingo &#8221;ari ugukoresha nabi amategeko byeruye&#8221;.<\/em><\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\"><em>Abahinga ba UN mu bijanye n&#8217;uburenganzira bwa muntu n&#8217;amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu nabo nyine bavuze ko kwirukana umuntu akajyanwa mu gihugu adaturukamwo bishobora guca kubiri n&#8217;amategeko mpuzamakungu.<\/em><\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\"><span style=\"color: #ff00ff;\"><em>\u00a0egretnewseditor@gmail.com\u00a0<\/em><\/span><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>u Rwanda rwakiriye abantu mu cyumweru gishize aba mbere boherejwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu gushyira mu bikorwa amasezerano bumvikanye n&#8217;icyo gihugu. Mu ntangiriro z&#8216;uku kwezi kwa kanama (8) niho byamenyekana ko u Rwanda rwumvikanye na Washington DC &#8216;kwakira abimukira 250&#8216; Amerika ishaka kwirukana.<\/p>\n","protected":false},"author":47471,"featured_media":21126,"comment_status":"closed","ping_status":"closed","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_bbp_topic_count":0,"_bbp_reply_count":0,"_bbp_total_topic_count":0,"_bbp_total_reply_count":0,"_bbp_voice_count":0,"_bbp_anonymous_reply_count":0,"_bbp_topic_count_hidden":0,"_bbp_reply_count_hidden":0,"_bbp_forum_subforum_count":0,"footnotes":""},"categories":[198,2],"tags":[],"class_list":["post-21122","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-slider","category-top-news"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/egretnews.com\/index.php\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/21122","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/egretnews.com\/index.php\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/egretnews.com\/index.php\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/egretnews.com\/index.php\/wp-json\/wp\/v2\/users\/47471"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/egretnews.com\/index.php\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=21122"}],"version-history":[{"count":5,"href":"https:\/\/egretnews.com\/index.php\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/21122\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":21132,"href":"https:\/\/egretnews.com\/index.php\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/21122\/revisions\/21132"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/egretnews.com\/index.php\/wp-json\/wp\/v2\/media\/21126"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/egretnews.com\/index.php\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=21122"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/egretnews.com\/index.php\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=21122"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/egretnews.com\/index.php\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=21122"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}