Sena y’Amerika Yifuza ko Perezida Maduro Asezererwa

Nicolas Maduro mu nama na Leta yiwe

Sena ya Reta zunze ubumwe za Amerika yateguye integuro y’itegeko rigamije kugarukana intwaro ya demokarasi muri Venezuela biciye mu gufasha ico gihugu kunagura ubutunzi no guhamagarira ibihugu bicuditse na Amerika gufatira ibihano reta ya Nicolas Maduro.

Iyo nteguro y’itegeko isaba ko haba inyishu iciye mu mahoro na demokarasi muri Venezuela kandi yemereye reta ya Trump gutanga izindi miliyoni 400 z’amadolari y’imfashanyo ku banyagihugu muri Venezuela.

Reta zunze ubumwe za Amerika zemeza ko zishobora gukuraho ibihano vyafatiwe abategetsi ba Venezuela batagirizwa guhohotera uburenganzira bwa muntu ariko mu gihe bokwemera ko Juan Guaido ari perezida w’imfatakibanza.

Amerika kandi ngo ishobora gukorana n’ibigo mpuzamakungu muvy’ubutunzi bikongera kunagura ubutunzi bwa Venezuela ariko ni mu gihe reta ya Maduro izoba yasezerewe.

Skip to toolbar