MTN ivuga ko itazi igituma umukuru wayo, Wim Vanhelleputte, yirukanywe muri Uganda

MTN yagirizwa na Uganda ko ihungabanya umutekano w’igihugu

Ishyirahamwe ry’ugutumanaho amakuru ryo muri Afrika y’Epfo, MTN, rivuga ko ritazi icyatumye umukuru waryo muri Uganda yirukanwa.

Amakuru yava muri Uganda mw’ijoro ryo ku musi wa kane avuga ko Wim Vanhelleputte, asanzwe aturuka mu gihugu cy’Ububiligi, yatwawe ku nguvu ku kibuga cy’indege ategekwa kurira indege no kuva mu gihugu.

Abategetsi bamenyesheje ko iryo yirukanwa rifitanye isano n’amatohoza ku nkuru zivuga ko abakozi b’iryo shyirahamwe baba bafite uruhare mu bikorwa by’uguhungabanya umutekano w’igihugu cya Uganda.

Mu kwezi kwa mbere, abandi bakozi batatu bari mu barongoye iryo shyirahamwe muri Uganda barirukanywe.

Icyo gihe, Elsa Mussolini yari ayoboye igisata cyo kohereza n’ukwakira amahera ku ma telefone ngendanwa yavuze ko yirukanywe yagirizwa ko yafashije mu buryo bw’amafaranga umunyepolitike atavuga rumwe na leta Bobi Wine.

Ariko ishyirahamwe MTN, risanzwe rikorero muri Afrika no mu burasirazuba bwo hagati, rivuga ko nta bisobanuro riraronswa kw’iyirukanwa ry’umukuru waryo muri icyo gihugu cya Uganda.

Iryo shirahamwe riracafitaniye ibibazo n’ubutegetsi ku vyerekeranye no kwongereza igihe cy’uruhusha rwo gukorera muri icyo gihugu.

Prezida Yoweri Museveni wa Uganda avuga ko atabona icyatumye ikigo cya leta kijejwe kugenzura itumanaho ry’amakuru kivana urwo ruhusha ku miliyoni ijana z’amadolari y’abanyamerika rukajya ku miliyoni 58.

Mu kwezi guheze, Prezida Museveni yabonanye n’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe MTN, Rob Shuter, inyuma y’inama mpuzamakungu y’ubutunzi (World Economic Forum) i Davos mu Busuwisi.

Inyuma y’uwo mubonano, Prezida Museveni yamenyesheje ku rubuga rwa Twitter ko iryo shirahamwe ritegerezwa kwerekana ubutunzi bwaryo mu kigo cya leta ya Uganda kigenzura amasoko y’imitahe (Uganda Securities Exchange) kugira ngo zimwe mu nyungu zaryo zigume mu gihugu.

Yagirije kandi ishami rya MTN muri Uganda ko ryerekanye make mu manomero yose y’abahamagaye ku ma telefone mu ntumbero yo gukwepa amakori.

Mw’itangazo iryo shirahamwe ryasohoye, ryamenyesheje ko ryiyemeje kwubahiriza no gukora ryisunze amategeko ajyanye no gukorera muri Uganda.

Skip to toolbar