Al Shabab ivuga ko ari yo yagabye igitero kw’ihoteli ya Ducit iri mu mujyi wa Nairobi muri Kenya

 

Imiduga iri mu kibanza ibikwamwo yaturiwe

Ibiturika bishika kuri bibiri byumvikanye bikurikirwa n’amasasu menshi mu kigo kiri mu karere ka Westlands mu mujyi wa Nairobi, ahari ihoteli ya Ducit hamwe n’ibindi biro.

Mu mwanya uheze umurwi w’abarwanyi ba ki Islam wo muri Somalia, Al Shabab, watangaje ko ariwo wagabye icyo gitero.

Imiduga myinshi yatuririwe mu kibanza ihagakikwamwo, abapolisi bakaba bamaze kuhashika.Umuntu ari muri iki kibanza yabwiye ibiro ntaramakuru Reuters ati: “Twatewe”.

I hoteri ya Ducit bivugwa ko ari yo yatewe

Reuters kandi ivuga ko hari umugabo umwe yasohotse yuzuye amaraso, mu gihe hari abanyeshure bariko barahungishwa.

Reuters kandi yabwiwe n’umugore akora hafi ati: “Natangiye kumva inkoho zarasana, ubwo nyine mbona abantu batangiye kwiruka bazamuye amaboko, bamwe binjira muri banki kwihisha.

Skip to toolbar