Umwana w’umukobwa wo mu Buhindi yitwariye se ku bapolisi kuberako atamwubakiye akazu ko kwitumamo(toilet)

Hanifa Zaara yabwiye igipolisi mw’ikete ko se “yamubeshe” ko akwiye gufatwa

Umukobwa w’imyaka indwi yitwariye se mu gipolisi kubera ko atubahirije ibyo yamwemereye bijyanye no kumwubakira akazu ko kwitumamo WC.

Mw’ikete yanditse, Hanifa Zaara yabwiye igipolisi ko se “yamubeshe” ko akwiye gufatwa.Yavuze ko “bimutera isoni” kuja kwihagarika hanze.

Mu makuru ava mu kigo cya ONU citaho abana Unicef, abantu benshi bo mu Buhindi ntibafite utuzu tw’ubwiherero, abashyika imiliyoni 500 bakituma hanze izuba riva.

N’ahari utuzu twa surwumwe, abantu benshi ntibadukoresha.

Hanifa abana n’ababyeyi ahitwa Ambur, igisagara kiri muri leta ya Tamil Nadu mu bumanuko bw’igihugu, ntiyigeze abona akazu ka surwumwe mu nzu iwabo.

Yabwiye umumenyeshamakuru wa BBC Tamil Krithiika Kannan, ko abantu bake aribo bafise surwumwe aho baba.

Nawe yasabye papa wiwe ngo abubakire ubwiherero mu nzu. Icyo gihe yari mw’ishuli ry’abana bato cyane (“école maternelle”).

Hanifa avuga ati: “Naragira isoni kuja hanze, nkiyumva nabi iyo abantu bambonye.”

Icatumye asaba surwumwe nuko yiga ingaruka zo kwitabarira hanze ku magara y’umuntu.

 
Hanifa yandikiye ikete igipolisi

Mu ibaruwa  yandikiye igipolisi, avuga ko se yari yemeye ko yamwubakira WC, ati uko atsinze umwaka wa mashuri  yarimo icyo gihe.

Yanditse ati: “Namye nunguruzwa kuva ntangiye “école maternelle.””Ubu ndi mu mwaka wa kabiri. Aguma avuga ko azayubaka. Kuno ni kumbesha, ndabasabye mumufate.”

Yongeye avuga ko atari ukwo, kw’igipolisi gikwiye kumusinyisha ikete aho avuga igihe azamuhera ako kazu ko kwitumamo.

Se wiwe, Ehsanullah, yabwiye BBC Tamil ko yamaze gutangura kwubaka iyo surwumwe, ariko ko atarafise amahera akwiye ngo ayiheraheze, bitewe nuko ata kazi afise muri kino gihe.

Yabandanije avuga ati: “Narasabye Hanifa ngo ampe umwanya, munyuma ntiyaba akimvugisha ngo kubera ntubahirije ibyo namwemereye.”

Hanifa nta soni bimutera. “Nzageza ryari ndamusaba bya bindi nyine? Aguma anyikura ambwira ko nta mahera afite. Nicyo gituma nagiye kwitwara mu gipolisi.”

Ku munsi wa mbere, yagiye ku gipolisi cyegereye ahaba ari kumwe na nyina, Mehareen.Umupolisi A Valarmathi yabwiye BBC Tamil ati: “Yaje afite igikapo kirimo udushimwe yaronse hamwe n’inkaratasi z’umutsindo, abishyira ku meza aho nkorera. “

“Munyuma avuga ati, urashobora kumpa akazu ka kwitumamo?”

 
Igipolisi cyahise gishyikiriza ubutegetsi imyidogo ya Hanifa

Umupolisi Madamu Valamarthi yaciye ahamagara se w’umukobwa, Bwana Ehsanullah, aca aza yiruka ku gipolisi, yibaza ko umugore wiwe hamwe n’umukobwa wiwe bagize ingorane.

Avuga ko yaguye mu gahundwe yumvise ivyo bamuhamagariye.

Amaze gusoma ibaruwa Hanifa yanditse, yavuze ko bisa naho yamenye kwandika amakete amurabiyeko.

Bwana Ehsanullah akunze gufasha abanyagihugu kwandika amakete barungikira ubutegetsi n’abanyamategeko.

Agira ati: “Sinarinzi ko vyohavuye bingarukako!”Akigoro ka Hanifa katumye akundwa kandi ashigikirwa n’igipolisi.Valamarthi yagize ati: “Ibyo asaba birumvikana, turiho turagerageza kubitorera inyishu.”

Yaciye abishikiriza ubutegetsi nabwo bukaba bwatanguye gukusanya amahera, ngo bwubake surwumwe 500 muri karitiye Hanifa abamwo.

 
Papa wiwe avuga ko yatanguye kwubaka ako kazu ka surwumwe ariko ko atarakarangiza

Urongoye igisagara S Parthasarathy yabwiye BBC Tamil ati: “Twaranezerejwe no kubona aza kutwitwarako. Ubu turaja mu mashuli tugasaba abana ngo basabe abavyeyi babo utuzu twa surwumwe.”

Leta yihaye intego yuko urugo rwose ruba rufise akazu ka surwumwe kugera mu 2019, ariko hari abagwanya uwo mugambi.

Mu cyigwa giherutse gukogwa basanze abahindi bo mu mitumba ibice 89% byabo bituma hanze, kuberako batifuza gusukura mu tuzu twa surwumwe canke kuba hafi yatwo.

Abakoze ubushakashatsi bavuga ko iyo nyifato ishingiye ku migenzo, ko hari ibintu bidakogwako.

Mu myaka amajana, ugusukura umwanda uva ku bantu cari igikogwa kigenewe imiryango isuzuguritse.

Hanifa avuga ko “anezerejwe” n’icyo ikete yanditse ryazanye.

Haraheze iminsi cumi atavugana na papa wiwe ariko igipolisi carabumvikanishije: Hanifa na papa wiwe barakoranye mu ntoke.

Skip to toolbar