Umutima w’umuntu wibagiriwe mu ndege watumye isiba urugendo

Indege yo muri Amerika yarivuye Seattle igiye Dallas vyabaye ngombwa ko isubira inyuma yarimaze amasaha ihagurutse kuberako hari umutima w’umuntu wibagiriwe muriyo.

Ishirahamwe ry’indege Southwest Airlines rivuga ko ico gihimba cy’umubiri cyari cyaje kiva muri leta ya Californie kigategerezwa kugezwa Seattle, aho agahimba kawo gakenewe ko koreshejwe munyuma.

Ntawibutse kuwukura mu ndege, munyuma abakozi bo mu ndege bawubona indege imaze kugenda igice c’urugendo igana igisagara cya Dallas.

Uwo mutima nta murwayi kanaka wari ugenewe.Amakuru arambuye y’ibyo bintu byabaye ku munsi w’Imana, yashyitse mu binyamakuru ku munsi wa Kane.

Ingenzi zarabuze ayo zicira nayo zimira igihe umudereva ababwiriye ivy’uwo mutima uri mu ndege, nuko ugiye gutuma basubira inyuma.

Hari abaciye batangira gukoresha telefone ngendanwa zabo ngo barabe igihe umutima ushobora kubikwa imbere yuko ukoreshwa – abahinga bakavuga ko ari amasaha ane gushika kuri atandatu.

Bivugwa ko iyo ndege yari imaze amasaha atatu iri mu kirere.

Umuganga yari mu ngenzi ariko ataho ahuriye n’ivyo gupakiza uwo mutima, yabwiye ikinyamakuru Seattle Times ko ivyabaye ari “inkuru iteye ubwoba y’ugusamara kurenze urugero”.

Inyuma yaho uwo mutima usubirijwe Seattle, waciye utwagwa mu kigo gisanzwe gitanga ibihimba vy’umubiri kubikwa, kivuga co cawuronse igihe kitararengerana.

Skip to toolbar