Abatavuga rumwe na leta ya Kongo bari mu na muri Suisse ngo batore uwuzobaserukira mu matora ya Prezida

Abatavuga rumwe na leta ya Kongo bavuga ko hazoshika itariki 15/11/2018 bahisemwo uwuzobaserukira mu matora y’umukuru w’igihugu ca Kongo. Uvuye i bubamfu uja i buryo: Vital Kamerhe, Felix Tshisekedi, Adolphe Muzito, Moise Katumbi na Jean-Pierre Bemba

Abatavuga rumwe na leta ya Republika ya Demokrasi ya Kongo bari mu nama muri Suisse barondera guhuriza ku mu kandida umwe ya baserukira mu matora yo mu kwezi kuza.

Aba barongozi baserukiye imigambwe itavuga rumwe na leta, biyemeje ko itariki ya 15 z’ukwa cumi na rimwe izoshika bamaze kwumvikana ku mukandida umwe.

Iyo nama ibera i Geneve irimo kandi abakandida batatu bangiwe kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu hamwe n’abandi bane bemerewe kwitoza.

Umwe mu bagize umugambwe UDPS yavuganye na BBC ari i Geneve, yavuze ko abo banyepolitike barimwo Moise Katumbi, uwahoze ari buramatari w’intara ya Katanga na Felix Tshisekedi umukuru wa UDPS.

Barimwo kandi Vital Kamerhe uwahoze ari umukuru w’inama nshingamateka hamwe na Jean Pierre Bemba yahoze ari umushirikiranganji wa mbere.

Iyo nama kandi itegekanya kwihweza igabangana ry’ibikorwa mu gihe c’ukwiyamamaza hamwe na nyuma y’amatora.

Ivyitezwe kuva muri iyo nama bivugwa ko bizomenyekana ku wa Mungu itariki 11 z’ukwa cumi na rimwe.

 
Emmanuel Ramazani Shadary, niwe azoserukira umugambwe uri ku butegetsi

Bazahitamo nde

Naho bitaramenyekana, umunyepolitike wo muri Kongo Jean Bosco Barihima wo mu mugambwe ARC, Alliance pour le renouveau du Congo, yabwi ye BBC Gahuzamiryango ko bazohitamwo hagati ya Felix Tshisekedi na Vital Kamerhe.

Mu kwezi guheze muri Afrika y’epfo, niho abanyepolitike indwi batavuga rumwe na leta ya Kongo biyemeza gutora umukandida umwe.

Hari abakandida 21 mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kuza muri Kongo, uwahozi ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Emmanuel Ramazani Shadary akaba ari we yagenywe n’umugamwe uri ku butegetsi.

Skip to toolbar