Umwongereza wa kabiri apfuye arondera ikibuno kinini mu buryo bwa BBL

Kwaguza igisusu kikaba kinini kurusha bifise ingaruka ku magara

Umukobwa agira kabiri w’umwongereza yitavye Imana, inyuma yaho ageragereje kwaguza igisusu mu buryo bwa ‘Brazilian butt lift’ (BBL), mu makuru yashikiriye BBC.

Ishyirahamwe ry’ababaga mu buryo bwo gushakisha ubwiza “British Association of Aesthetic Plastic Surgeons” (Baaps), ryavuze ko cyari igikorwa cya mbere kigoye mu buhanga bwo kubaga urondera ubwiza.

Ubwo buryo bwo kurondera ubwiza bwamenyekanye cane, biturutse ku bantu babaye rurangiranwa.Ariko abantu benshi barishira mu kaga iyo bagiye kwibagisha aho bizimbutse mu bindi bihugu, nkuko Baaps igabisha.

‘Umwe ku bantu 3000 arapfa’

Uburyo “Brazilian butt lift” (BBL) ni uburyo bwo kubaga urondera ubwiza (chirurgie esthétique) mu kwaguza igisusu, aho ibinure bikugwa ku gihimba c’umubiri, bikinjizwa mu matako.

Baaps yabwiye BBC ko umuntu umwe ku bantu 3000 apfa kw’isi, bitewe n’ingorane zituruka kuri ubwo buryo bwo kubaga.

Mu kwezi kw’umunani, umwigeme w’imyaka 29, Leah Cambridge yarapfuye ariko abagwa ku buryo bwa BBL mu gihugu ca Turukiya.

Undi mwongerezakazi yoba afite imyaka nka 20 yarapfuye uno mwaka, nkuko BBC yabishyikirijwe, amatohoza ku buryo yapfuye akaba ategenijwe mu mwaka uza.

Gerard Lambe, akora mu gisata cya “chirurgie esthétique” akongera akaba n’umunywanyi wa Baaps, yasiguye ati: “Ubwo buryo burimo impanuka nyinshi z’urupfu bitewe nuko igihe binjiza ibinure mu muntu, bishobora kuja mu miringoti y’amaraso, bigashikira umutima n’ubwonko.”

‘Amatako yanje yarava’

Umugore w’imyaka 23 wo muri Wales – atipfuje ko izina ryiwe rimenyekana – yavuze ko afise ubwoba ku buzima bwiwe inyuma yaho abagiwe mu buryo bwa BBL mu kwezi kwa kabiri muri Turukiya.

Inyuma y’amezi atatu, yabonye intoboro zigwaye ku matako yiwe.

“Sinashobora gutambuka neza,” niko avuga.

“Ntababesha, igihe nabona izo ntoboro vyari vyiza kubera ko ivyo binure vyaciye bitangura gusohoka, bituma nsubira gutambuka.”

Avuga ko amatako yiwe yavuye ku kiringo c’amezi atatu, impuzu zigatota”.

Yongeye ati: “Naranuka. Nahafukisha igitambara gishasha ku munsi.

Nipfuza gusubirayo. Naranezerezwa n’umubiri wanje ntarabikoresha. None raba ingene nagize ngo ntanze amahera make nca mera uku.”

‘Ingorane zo mu mutwe’

Mu Bwongereza, abagore bakorewe BBL hanze byabaye ngombwa ko bajya kwivuza mu bitaro bya NHS, kubera ko byari byagenze nabi, ishyirahamwe Baaps rikavuga ko bitwara urwego rw’ubuvuzi ibihumbi by’amapawundi.

Abagize ingorane ngo bashobora kumara iminsi 20 mu bitaro, ibyo bigatwara amapawundi £13000 ku murwayi umwe.

Kim KardashianAbantu rurangiranwa nka Kim Kardashian ari mu baguje igisusu

Cheryl Palmer-Hughes, umunyamategeko akorera kwa Irwin Mitchell, akurikirana ivyo kwibagirisha hanze, avuga ko igitigiri c’ababaza ku ngorane zituruka ku buryo bwa BBL kiguma ciyongera.

“Bamwe mu bagwayi batewe izindi nshato, abandi bamara igihe kirekire bataja ku kazi, abandi bafatwa n’ingorane zo mu mutwe,” niko avuga.

“Hari n’abidoga ko ibinure vyatewe mu kibanza kitarico c’umubiri – ku maguru hakuja ku matako.”

‘Ndacababara’

Umugore wa kabiri yavuganye na BBC  ntiyifuje ko amazina yiwe amenyekana, yavuze ko yagiye muri Turukiya gukoresha BBL mu myaka ibiri irangiye kuberako “igiciro kiri hasi [kurusha mu Bwongereza]”.

Yabonanye n’uwugiye kumubaga iminota cumi yonyine, imbere yuko ajya guterwa umuti wo kumusinziriza “anesthésie”.

Haheze iminsi mike yaciye afatwa n’inyonko, munyuma arondeye kuvugana n’uwamubaze hamwe n’abaforomakazi, ngo nta numwe yishuye amabaruwa yabarungikiye mu buryo bwa “email” cyangwa ubutumwa bugufi .

Umugore yabazwe mu buryo bwa BBL
Uno mugore yabwiye BBC ko acyumva ububabare inyuma y’imyaka ibiri abazwe mu buryo bwa BBL

Yaciye yinjizwa ibitaro mu Bwongereza, amara ukwezi ataja ku kazi.Inyuma y’imyaka ibiri, uwo mugore avuga ko acumva ububabare inyuma yaho abagiwe.Madamu Palmer-Hughes avuga ko abarenga igice mu bakiriya biwe bagiye kwibagishiriza muri Turukiya – ibindi bihugu abantu bakunze kujyamo bikaba ari Hongrie, Ububiligi na Espagne.

Skip to toolbar