Abanyarwanda n’abaganda baburiwe irengero mu nkino za Commonwealth

Arcangeline Fouodji Sonkbou ari mu banonotsi ba Cameroun baburiwe irengero kuva ku munsi wa gatatu

Abateguye inkino za Commonwealth zibera mu gihugu cya Australia bavuze ko abandi banonotsi batanu baturuka muri Afrika baburiwe irengero.

Bavuga ko bariko barabahiga, nabo ngo bakaba barimo abaturuka mu bihugu by’u Rwanda na Uganda.

Hagataho abanya Cameroun umunani babuzwe irengero kuva ku munsi wa gatatu baracashakishwa.

Abateguye inkino bariko barondera kandi abakinyi babiri ba “squash” baturuka mu gihugu cya Sierra Leone.

Mu nkino za Olympique zo mu 2000 mu gisagara cya Sydney, abanonotsi barenga 100 bararengeje ikiringo bari barekuriwe kuba mw’ico gihugu.

Skip to toolbar