Inkura iruta izindi kw’isi yapfiriye mu gihugu cya Kenya

Inkura y’ingabo ishaje kurusha izindi kw’isi yapfiriye mu gihugu cya Kenya imaze amezi irwaye, nkuko abayikurikirana babimenyesheje.

Sudan yitabye Imana ifite imyaka 45, ikaba yari itungiwe mu kigo Ol Pejeta Conservancy muri Kenya.Yasinzirijwe ku munsi wa mbere kubera ukuremba, biturutse ku ngorane zijyanye no gusaza.Iyo nkura ngo yari ifite ingorane zo mu mitsi no mu magufa, hamwe n’ibiguma vyinshi ku mubiri.

Isize inkura zibiri z’ingore – umukobwa wayo hamwe n’umwuzukuru w’umukobwa – ibikoko byo muri ubwo bwoko bigisigaye kw’isi.Icyizere cy’uko haboneka urubyaro rwo muri ubwo bwoko “northern white rhino” kizava mu gukoresha ubuhinga bwa “in vitro fertilisation” (IVF).

Ubutumwa bwo kumenyesha urupfu rw’iyo nkura rwacishijwe kuri TWITTER.

 
Sudan iri kumwe n’uwayikurikirana

Inkura – ziri mu bwoko butanu – ziri mu bikoko bya kabiri byinshi byonkereza  inyuma y’inzovu.

Izo mu bwoko “white rhinoceros” (inkura zera) zigizwe n’imigwi ibiri: inkura zera zo mu bumanuko “southern white rhino” zaba zishika ku 20000 kandi zikaba mw’ishyamba, hamwe n’ubundi bwoko butaboneka cyane bw’inkura zera zo mu buraruko “northern white rhino”.

Urupfu rwa Sudan rubaye haheze imyaka irenga itatu iyindi nkura y’ingabo ipfuye ihitanywe n’urupfu rusanzwe mu 2014.

Inkura nka mwenizo zishwe n’abahigi b’ibikoko mu bihugu bya Uganda, Repubulika ya Centrafrique, Sudani na Tchad hagati y’i 1970 n’i 1980.

Amenyo yazo akoreshwa mu bihugu vya Asia mu mihamuro y’imiti cane cane mu Bushinwa.

Izindi nkura zera zo mu buraruko zishwe mu ndwano mu ntango yo mu 2000 muri Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo.

Kuva mu 2008, inkura zera zo mu buraruko “northern white rhino” zasa n’izashizeho kw’isi nkuko ikigo World Wildlife Fund kivuga.

Skip to toolbar