Politrix muri Kenya…

Tillerson yasibije ivyo yari gukorera muri Kenya kubera indwara.Umushikiranganji w’imigenderanire ya Amerika Rex Tillerson ari mu gihugu cya Kenya.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Amerika n’amakungu Rex Tillerson yasibije ibikorwa yari gukora ku munsi wa gatandatu i Nairobi kubera gukikwa n’amagara, nk’uko itangaza makuru Associated Press ryavuze.

Icyo kinyamakuru cyasubiyemo ibyavuzwe n’icyegera cy’uwo mushikiranganji Steve Goldstein aho agira ati “umushikiranganji ntabwo yiyumva neza nyuma y’iminsi ari mu bikorwa bihambaye by’i muhira nk’ikibazo cya Korea ya Ruguru.”

Bwana Tillerson yategekanya kubonana n’umushikiranganji ajejwe amagara Sicily Kariuki ku bitaro byo kuvyaza “Pumwani Maternity Hospital” ku munsi wa gatandatu isaha zitatu zo mu gitondo ariko bikaba bitashobotse.

Bwana Tillerson yashitse i Nairobi ku munsi wa gatanu ku muhingamo, mu rugendo arimwo mu bihugu bitanu bya Afrika, akaba amaze gutemberera Tchad, Ethiopia na Djibouti.

Amaze gushyika i Nairobi, yaciye agirana umubonano na Prezida Kenyatta aho bavuganye ku kibazo cy’umutekano mu karere, nk’umutekano muke uterwa na Al-Shabaab hamwe n’indwano iri muri Sudani Yepfo.

Avuye mu gihugu cya Kenya, azaca atemberera igihugu cya Nigeria.

Skip to toolbar