Zuma yatanze imihoho agondojwe n’umugambwe ANC

Prezida Jacob Zuma avuye ku butegetsi haheze amezi ageramiwe n’abipfuza ko asezera

Umukuru w’igihugu wa Afrika Yepfo Jacob Zuma amaze igihe ageramiwe, yemeye aratanga imihoho agondojwe n’umugambwe wiwe ANC.

Mw’itangazo yacishije kuri televiziyo, yavuze ko avuye ku butegetsi ubwo nyene, ariko avuga ko adashigikiye ingingo y’umugambwe wiwe ANC.

ANC yamubwiye ngo atange imihoho, canke hatunganywe amatora yo kumukuzako icizere mu nama nshingamateka.

Uwo mugabo w’imyaka 75 amaze igihe asabwa kubisa icegera ciwe Cyril Ramaphosa, asigaye arongoye umugambwe.

Bwana Zuma ari ku butegetsi kuva mu 2009, aregwa amakosa menshi ashingiye ku biturire.

Ku munsi wa gatatu mu gitondo, igipolisi carinjiye mu rugo rw’umuryango w’aba Gupta utunze cane i Johannesburg, uvugwa ko ucuditse na Bwana Zuma, ufise uruhara mu vyo Zuma aregwa ku biturire.

Skip to toolbar