Kenya: Urubanza rwa Athanase Buregeya Rwaburanishijwe

Igipolisi ca Kenya gicungereye hanze ya sentare nkuru, Nairobi, Kenya, itariki 14/11/ 2017.

Umurundi yitwa Athanase Buregeya yagiriza abapolisi babiri ba Kenya ko bahatswe kumwica mu 2016. Uwo mugabo yahoze akora mu gipolisi cy’Uburundi na Interpol avuga ko abo bapolisi biyemereye ko babitumwe na bamwe mu bategetsi b’Abarundi bakora muri Ambassade y’Uburundi i Nairobi icyo gihe. Urubanza rwatanguye kuri uyu wa gatatu.

Urwo rubanza rwumviririjwe mu rukiko rw’ahitwa Kibera ku mugwa mukuru Nairobi. Rwamaze amasaha arenga abiri kuko rwatanguye kuburanishwa isaha zine n’igice z’agatondo rurangira hafi isaha indwi z’umuhingamo. Muri urwo rubanza rufise inumero 236/16 hitwaye Athanase Buregeya yahoze ari intwazangabo mu gipolisi c’Uburundi no muri Interpol.

      Burundi 2018

Ruhuza Buregeya n’abandi bagabo batatu. Abapolisi babiri b’Abakenya n’umushoferi wa taxi. We n’abashingwamanza bamwunganira basaba kumenya vy’ukuri uwatumye canke abatumye abapolisi babiri b’Abakenya bahatswe kumwica mw’ijoro ryo kuwa 25 ukwezi kwa gatanu muri 2016.

Icyo gihe iyo ntwazangabo yanyurujwe ikuwe mu bunywero bw’i Nairobi ijanwa n’abapolisi babiri bayiboshe bahakwa kuyica ija gutabarwa n’umwe mu bo bakorana mu gipolisi cya Interpol imaze gushikanwa mw’ishamba ry’ahitwa Lenana, nk’uko bisiguye mu birego vyiwe yashikirije sentare.

Ikindi we n’abashingwamanza biwe basaba n’indishi y’akababaro kuko bavuga ko i ruhande yo kubohwa amasaha menshi asa n’uwazimanganirijwe ubuzima iyo Imana idakinga.

Kuri uyu wa gatatu, humvirijwe umupolisi afise dosiye y’umushoferi wa taxi yakoranye n’abo bapolisi babiri b’Abakenya bari bahagaritse Buregeya imbere yo kumunyuruza no gushaka kumwica. Uwo mupolisi yasiguye ko uwo mushoferi yafatiwe ku kibuga c’indege mpuzamahanga citiriwe Jomo Kenyatta inyuma y’imisi mike inyuruzwa rya Buregeya riburijwemwo.

Naho yabajijwe ibibazo vyinshi ico yagarutseko ahanini n’uko uwo mushoferi yiyemereye ko yakoranye n’abo bapolisi bari basanzwe bamuha akazi kandi ko yabiboneye bashaka kwica Buregeya.

Nyine gurwaho iterabwoba yemeza ko ijoro bamunyujemo, abo bapolisi b’abakenya bamwibwiriye ko batumwe na bamwe mu bategetsi ba ambassade y’Uburundi muri Kenya b’icyo gihe bamwagiriza ko yaba yavuye I Burundi yishe abantu.

Ariko mu rukiko iki kibazo c’abategetsi b’Abarundi bavugwa nticagarutsweko rwose. Ico bikora uwahatswe asigura ko ata kintu na kimwe yiyagiriza yoba yarakoze haba ku butaka bw’Uburundi canke ubwa Kenya.

Gusa yibaza ko abashatse kumwica boba bariho bashaka kuzimanganya ibyemezo muri dosiye y’amenyo y’inzovu aturuka mu Burundi yafatiwe mu bihugu bya Maleziya, Ubuganda na Sudani y’epfo.

Iyo ntwazangabo niyo yari ijejwe amatohoza no gufasha kugira ibihugu byose byerebwa n’iyo dosiye byemere gukorana no guha amakuru Interpol.

Abapolisi babiri n’umushoferi wa taxi bakurikiranwa muri iyo dosiye haheze imisi barekuwe babanje gutanga amafaranga y’ingwati agera ku muliyoni w’amashilingi y’amakenya umwe umwe angana n’ibihumbi ijana by’amadolari y’Abanyamerika.

Athanase Buregeya yirukanywe mu gipolisi c’Uburundi n’itegeko bwiriza rya perezida ryo kw’itariki ya 18 ukwezi kwa kane muri 2015, imbere yo gukurwa mu gipolisi cya Interpol kuko yari yakirungitswemwo n’igihugu.

Urubanza rwiwe ruzosubira kumvirizwa kw’itariki ya 10 ukwezi kwa kane uyu mwaka. Inkuru n’umunyamakuru w’Ijwi ry’Amerika Eloge Willy Kaneza.

Skip to toolbar