Intambara mukarere umwaka wa 20156

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi n’abandi baharanira uburenganzira bwa kiremwa muntu muri Congo Kinshasa bavuga ko biboneka ko perezida Kabila ashobora kwiyongera ikiringo co kuguma ku butegetsi.


 

Kuguma ku butegetsi kwa Kabila ariko bavuga ko kwoba ari uguca kubiri n’ibwirizwa nshingiro, ngo bigashobora gushira ico gihugu mu kaga.

“Ico dukeneye n’imigambi itomoye ku matora, kuko bobo (leta), imigambi yabo bariko barayishira mu ngiro”, Dr Serge Syvia, ari mu baharanira agateka ka zina muntu.

Mu nzu yubakishije ibiti, nk’izindi nyinshi zo mu muji wa Goma, umuji uri munsi y’imisozi y’ibirunga, abari mu murwi w’urwaruka wiyita Lucha (abaraharanira amahinduka) bari mu mubonano.

Lucha ifise abanywanyi bagera ku 50, n’abandi baharurwa mu majana babashigikiye.

Bizeye ko bashobora gusaba uburenganzira bwabo, nk’amazi meza, umutekano n’ubutungane bukwiye, hatarinze gukoreshwa inguvu.

Muri kino gihe batatu mu banywanyi bagenzi babo bari mu mvuto: umwe azira ko yagiye mu nyigisho nkarishabwenge zabareye i Kinshasa, zari zerekeye uruhara rw’urwaruka mu gutsimbataza demokarasi.

Abandi babiri bazira ko bagiye batwaye imuri n’amafoto mu gikorwa co kunamira abaguye mu gitero c’abarwanyi ku rubibe ico ghugu gihana na Uganda, bicishijwe imipanga.

Umuvugizi wa leta yigeze kwita uwo murwi Lucha, umurwi w’iterabwoba, ndetse n’umukuru w’ umuji wa Goma yababujije gukora ku mugaragaro.

Bakomeza kwotswa igitutu

Kuki baterwa ubwoba n’umurwi muto nk’uyu, umurwi w’urwaruka utagira ibirwanisho, uri kuri km 1500 vy’umurwa mukuru Kinshasa?

Kuri twebwe abanyagihugu bato bato, ntaco dufise hano kandi barabizi, rero umwe muri twebwe apfa gukoma akatsi ngo aravuze, kubera baturusha urwamo, baca bavyita ngo ‘n’ukubangamira ubutegetsi.Aline Mukovi

Hari kandi kibazo c’uko , mu gihe hasigaye umwaka ngo amatora abe muri DR Congo, amatora yategerezwa kuzana amahinduka vyose bigenze neza, abafise inkomezi baryamiye amajanja.

Mu kwezi kwa mbere, abantu batari munsi ya 30 barishwe mu murwa mukuru Kinshasa, nk’uko bivugwa n’ishirahamwe mpuzakungu ONU, inyuma y’aho polisi yiraye mu bantu bari mu myiyerekano yanka integuro y’itegeko rigenga amatora.

Ku batavuga rumwe na leta n’abandi baharanira uburenganzira bwabo, iyo nteguro y’itegeko yari mu ‘mugambi’ bwana Syvia yavuga haruguru.

Bawutoreye akazina ka ‘glissement’ canke kwigizayo amatariki y’amatora.

Impari ku biringo vy’abategetsi bo mu Karere:

-Urwanda rwatunganije amatora ya kamarampaka kw’ ibwirizwa nshingiro mu ndwi iheze, ryemejwe ku bwinshi n’ isinzi ry’abashigikiye ko perezida Paul Kagame yongera kuyobora, bishobotse akageza mu 2034.

-Mu kwezi kwa cumi, kamarampaka nk’iyo muri repubulika ya Congo aytumye perezida Denis Sassou Nguesso, yemererwa kwitoza mu mwaka uza wa 2016. Amaze imyaka 31 ku butegetsi. Abashatse kwiyamiriza iryo tegeko nshingiro baratotejwe bimwe bibi.

-Uganda nayo nyene yimirije kuja mu matora mu 2016, Yoweli museveni, amaze imyaka 30 ku butegetsi, azokongera yitoze, ikibazo c’ ibiringo ntarengwa kikaba cakuweho kuva mu 2005.

-Mu Burundi, n’ubu ingaruka z’ingingo yo kwongera kwitoza kwa perezida Pierre Nkurunziza, aciye kubiri n’amasezerano yatumye intambara yari yaratabagaje ico gihugu irangira, ntizirahera. Habaye gushaka gutembagaza ubutegetsi, hongera kuvyuka umurwi watwaje ibirwanisho.

Hakurikijwe ibwirizwa nshingiro ririho ubu, oerezida Kabila yategerezwa gutanga ubutegetsi mu kwezi kwa 12 umwaka uza wa 2016, igihe ikiringo ciwe ca kabiri c; imyaka 5 kizoba kirangiye.

Integuro y’ itegeko rigenga amatora yategenya ayo matora inyuma ya rusansuma mu gihugu cose, rwari gufata imyaka.

Kuva ico gihe abantu bagera ku 649, abenshi barimwo abaharanira agteka ka zina muntu, n’abatavuga rumwe na leta barapfunzwe, nk’uko biri mu cegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU c’uyu mwaka.

Ico cegeranyo kivuga ko ‘uko urubuga rwa politike rukomeza gupfungana ariko bizogira ingaruka ku matora’.

Abihweza utuntu n’utundi bavuga ko icibonekeza ari uko ata yindi ntubero ubutegetsi bufise atari gucacakesha abatavuga rumwe nayo.

‘Inzira zo kwigumisha ku butegetsi’

Ingingo yari yateye impari mu nteguro y’itegeko rigenga amatora yakuwemwo habanje kuba imyiyerekano, ariko abatavuga rumwe na leta bavuga ko hari ayandi mayeri menshi asigaye gukoreshwa.

Ubwa mbere, hari ikibazo c’uburyo ayo matora azotwara, n’igorana ry’itunganywa ryayo.

Mu bisanzwe imbere y’amatora y’umukuru w’igihugu hategerezwa kubanza gutunganywa ayandi matora atanu.

Imirwi y’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, yagiriza umurwi ujejwe gutunganya amatora ko ukomeza gukwega ibirenge mu gutunganya amatora y’inzengo zo hasi.

Ngo bashaka kandi gufatanya mu buryo budakwirikije amategeko, ayo matora n’ibiganiro.

Bwana Kabila yahamagaje ibiganiro ku rwego rw’igihugu mu kwezi guheze, avugira kuri tereviziyo y’igihugu ko ari yo nzira yo nyene yo kwirinda kurwa mu kaga no gutorera inzira amatora ateganijwe.

Abihweza utuntu n’utundi bavuga ko ari ugushaka kugura abo batavuga rumwe mu kubahendesha amafaranga canke ibibanza mu nzego.

Kabila yaciriye agace abanyagihugu kandi, ko hashobora kuba uburyo bwo gutora butari ijwi ku muntu, canke hagakoreshwa ikoranabuhanga, ngo mu ntumbero yo kugabanya amafaranga azoja muri ayo matora.

Ariko hari abibaza ko ari ugushaka ko vyoroha kwiba amajwi.

Kugez’ubu ntaco aravuga ku vyerekeye ko yoba yifuza kuguma ku butegetsi.

Amahoro canke amatora

Ariko umuvugizi w’umugambwe uri ku butegtsi, André-Alain Atundu, avuga ko bizotwara iyindi myaka ‘ibri canke ine’ kugira hatunganywe amatora yizewe.

Abegereye Kabila, bavuga ko, kubera yashoboye kugarura agahengwe mu myaka y’ ibihumbi bibiri inyuma y’ intambara yahitanye miliyoni z’abantu, bavuga ko yumva umengo igihugu coca gisambuka aramutse adakomeje kuyobora inyuma y’ umwkaa uza, can ecane adatunganije ibiganiro bishimwa na bose.

Hari imirwi yitwaje ibirwanisho iharurwa mu mirongo, yegamiye abanyapolitike bo mu buseruko, ndetse n’igisirikare kiragabuye hakurikijwe imice iyoboka uyu canke uriya.

” Abatavuga rumwe na leta bavuga ko perezida Kabila yari akwiye gushngezwa imbere ya sentare mpanavyaha mpuzamakungu”, umwe muri ba soma mbike bike biwe akavuga ko iymvugo nk’iyo ‘idahumuriza’

Niko igihugu kiracari mu ntege nke, ariko biragoye kwibaza ingene kuguma ku butegetsi kwa perezida kabila bishobora kugira ico bifasha mu kubumbatira amahoro.

Imyiyerekano yo mu ntango z’umwaka yari ikimenyetso c’ ingaruka zishobora guherekeza gushaka kuguma ku butegetsi kwa perezida Kabila.

Abaharanira uburenganzira bibaza ko hashobora kuba imvururu hamwe itariki y’amatora yorengana.

Ekleziya katolika izwi cane ku bubasha ifise muri politike muri kahise k’ico gihugu, imaze guhamagarira abanyagihugu ba Congo kwanka ico cose zoza gica kubiri n’ibwirizwa nshingiro

Abasenyeri bamaze kugabisha ko hari impungenge muri Congo ko hashobora guseseka amaraso kubera abashaka kwifatira ubutegetsi ku nguvu batitayeho inyungu rusangi.

Amakungu yioyo bisa naho atabona ico yokora, umwe mu bakozi b’ ishirahamwe mpuzamakungu ONU yagioze ati: “nta rupimo dufise, kandi turahanura ntiduhana”

Umukuru w’ inteko z’ishirahamwe mpuzmakungu ONu aheruka kugenwa vuba, yihutiye gusubiza mu nzira nziza imigenderanire hagati ya leta ya Congo n’urwo rwego, rumaze amezi rwarakumiriwe mu biganiro vya politike no mu bikorwa vya gisirikare.

N’ikibazo c’amategeko.

‘Nta n’umwe azoturwanira iyi ntambara’, ivyo bivurwa na Luc Nkulula, umunyamategeko akaba n umunywanyi wa Lucha, ahagaze ku ntebe ariko ashikiriza bagenziwe imigambi babwirizwa kwisunga.

Yibaza ko muri kino gihe, icihutirwa ari ubuhindura ubuyobozi bw’igihugu

Ngo ntiyizeye ko hari umuntu n’umwe mu batavuga rumwe na leta yoza azana akarusho, ariko ngo n’ikibazo co kwubaha amategeko.

Ikindi atizeye n’ uko abenshi mu banyagihugu bazobitahura, canke bazokurikira Lucha mu nzira yo guharanira uburenganzira hadakoreshejwe inguvu. Afise impungenge kandi ko intagondwa zo kumpande zompi zishobora kuvyura intambara, zigahitana abafise intege nke.

Ariko avuga ko ata kundi guhitamwo bafise mu gihugu nka Congo, ngo kureka iyi nzira, ni nko “kudashobora kubahuka kwiraba mu cirori”

 

Skip to toolbar